Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Yezu—Yabaho akora iki?

Yezu—Yabaho akora iki?

Yezu​​—Yabaho akora iki?

“Ibifungurwa vyanje ni ugukora ukugomba kw’uwandungitse no kurangiza igikorwa ciwe.”​—YOHANI 4:34.

INGENE ibintu vyari vyifashe igihe Yezu yavuga amajambo ari aho haruguru biradufasha cane kubona ikintu yibandako mu buzima. Yezu n’abigishwa biwe bari bamaze igitondo cose baca mu karere k’imisozi k’i Samariya. (Yohani 4:6) Kubera ko abigishwa ba Yezu biyumviriye yuko ashobora kuba amaze gusonza, baciye bamuzanira ibifungurwa. (Yohani 4:31-33) Ariko Yezu yaciye ababwira amajambo yerekana mu ncamake intumbero yakurikirana mu buzima bwiwe. Kuri we, gukora igikorwa c’Imana ni vyo vyari bihambaye kuruta gufungura. Haba mu majambo canke mu bikorwa, Yezu yabaho arondera gukora ivyo Imana imugombako. Ivyo vyarimwo iki?

Kwamamaza no kwigisha ibijanye n’Ubwami bw’Imana Mu gusigura igikorwa nyamukuru Yezu yakora mu buzima bwiwe, Bibiliya ivuga iti: “Agendagenda i Galilaya hose, yigisha . . . yongera yamamaza inkuru nziza y’ubwami.” (Matayo 4:23) Ubwami bw’Imana Yezu ntiyabwamamaza gusa. Ariko kandi yarigisha abantu. Ivyo bisobanura ko yabacisha ubwenge, akabasigurira akongera akabumvisha akoresheje ivyiyumviro bijijura. Ubutumwa bwa Yezu bwari bushingiye ku Bwami bw’Imana.

Mu kiringo cose Yezu yamaze avuga ubutumwa, yarigishije abamwumviriza ico ari co Ubwami bw’Imana n’ico buzokora. Raba inyigisho z’ukuri zerekeye Ubwami bw’Imana zikurikira hamwe n’imirongo yo muri Bibiliya itwereka ico Yezu yazivuzeko.

▪ Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru, Yezu akaba ari we Yehova yagenye ngo abe Umwami wabwo.​—MATAYO 4:17; YOHANI 18:36.

▪ Ubwami bw’Imana buzokweza izina ry’Imana bwongere butume ivyo igomba bikorwa kw’isi nk’uko bikorwa mw’ijuru.​—MATAYO 6:9, 10.

▪ Mu gihe c’ingoma y’Ubwami bw’Imana, isi yose izohinduka ibe iparadizo.​—LUKA 23:42, 43.

▪ Vuba Ubwami bw’Imana buzoza maze bushitse ivyo Imana igomba ku bijanye n’isi. *​—MATAYO 24:3, 7-12.

Gukora ibikorwa vy’ububasha Yezu yari azwi ahanini ko ari “Umwigisha.” (Yohani 13:13) Ariko rero, mu kiringo c’imyaka itatu n’igice yamaze avuga ubutumwa, yarakoze n’ibikorwa vy’ububasha bitari bike. Ivyo bikorwa vyari bifise n’imiburiburi intumbero zibiri. Ubwa mbere, vyaremeza ko vy’ukuri Yezu yari yarungitswe n’Imana. (Matayo 11:2-6) Ubwa kabiri, vyarerekana ico yokoze ku rugero runini kuruta muri kazoza ari Umwami w’Ubwami bw’Imana. Raba bimwebimwe mu bitangaro yakoze.

▪ Yarahwamitse ikiyaga cariko kirasuriranya, aratururuza n’imiyaga ikomeye.​—MARIKO 4:39-41.

▪ Yarakijije abarwaye, harimwo impumyi, ibipfamatwi n’abacumbagira.​—LUKA 7:21, 22.

▪ Yaragwije imfungurwa maze aragaburira amasinzi yari ashonje.​—MATAYO 14:17-21; 15:34-38.

▪ N’imiburiburi incuro zitatu, yarasubije ubuzima uwari yapfuye.​—LUKA 7:11-15; 8:41-55; YOHANI 11:38-44.

Iyumvire ingene ubuzima bwobaye bumeze kw’isi iyo iza kuba itegekwa n’Umwami w’umunyabubasha nk’uwo!

Guhishura kamere ya Yehova Imana Ku bijanye no kwigisha abandi ivyerekeye Yehova, nta wubishoboye gusumba Umwana w’Imana bwite, uwahavuye yitwa Yezu Kristu. Kubera ko Yezu ari “imfura mu biremwa vyose,” yarabanye na Yehova mw’ijuru igihe kirekire kuruta ibindi biremwa vy’impwemu vyose. (Abakolosayi 1:15) Iyumvire uturyo yari afise two kumenya neza ivyiyumviro vya Se no kwiga ivyo Se agomba, ingingo ngenderwako ziwe n’inzira ziwe.

Yezu yari ashoboye koko kuvuga ati: “Nta wuzi Umwana uwo ari we, atari Se; kandi nta wuzi Se uwo ari we atari Umwana, be n’uwo Umwana agomba kumuhishurira.” (Luka 10:22) Igihe Yezu yari kw’isi ari umuntu, yarahishuye uko Se ameze abikunze kandi abishashaye. Ivyo Yezu yavuga n’ivyo yigisha vyari bishingiye ku bintu bidasanzwe, ni ukuvuga ibintu yibuka yari yariboneye n’ivyo yari yariyumviye igihe yari mw’ijuru ari kumwe n’Imana Musumbavyose.​—Yohani 8:28.

Ivyo Yezu yakoze mu guhishura Se vyogereranywa na ca cuma (transformateur) gifata umuyagankuba waje ari mwinshi kikawugabanya ku bw’abakoresha umuyagankuba ugereranye. Igihe Yezu yari kw’isi yarafata ibintu yize ari mw’ijuru ku vyerekeye Se wiwe, akabishikiriza mu buryo butuma abantu baciye bugufi bo kw’isi bashobora kubitahura no kubishira mu ngiro bitagoranye.

Rimbura uburyo bubiri buhambaye Yezu yahishuyemwo Se wiwe.

▪ Mu vyo yigishije, Yezu yaramenyekanishije ukuri ku vyerekeye Yehova, ni ukuvuga izina ryiwe, umugambi wiwe hamwe n’inzira ziwe.​—YOHANI 3:16; 17:6, 26.

▪ Mu bikorwa vyiwe, Yezu yarahishuye imice myinshi myiza cane ya kamere ya Yehova. Yezu yaragaragaje kamere ya Se mu buryo butagira agahaze ku buryo yashobora kuvuga ati: ‘Nimba ushaka kumenya uko Data ameze, ndaba.’​—YOHANI 5:19; 14:9.

Turatangazwa n’ukuntu Yezu yabaho. Turashobora kugira ikintu gihambaye cane twungutse turimbuye igituma yapfuye tukongera tukabaho duhuza n’ivyo twize.

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 9 Ushaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye Ubwami bw’Imana n’ikitwereka ko buzoza vuba, raba ikigabane ca 8 kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?” be n’ikigabane ca 9 kivuga ngo “Twoba turi mu ‘misi y’iherezo’?” mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.