Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abana boba bakwiye kwiga ivyerekeye Imana?

Abana boba bakwiye kwiga ivyerekeye Imana?

Abana boba bakwiye kwiga ivyerekeye Imana?

“Idini rituma gusa twankana aho gutuma dukundana.”​—VYAVUZWE N’UMWANDITSI W’UMWONGEREZA YITWA JONATHAN SWIFT.

AYO majambo Swift yayavuze mu kinjana ca 18, mugabo n’abantu benshi muri iki gihe babona ibintu muri ubwo buryo. Kukaba nkako, hari abiyumvira yuko abavyeyi ata burenganzira bari bakwiye guhabwa bwo kwigisha abana babo ivyerekeye Imana. Babona ko abana bo mu ngo zikunda ivy’idini hari ukuntu batorohewe.

Wewe uvyibazako iki? Ni ikihe muri ibi vyiyumviro ubona ko cumvikana kuruta ibindi?

● Abavyeyi ntibakwiye kwemererwa kwigisha abana babo ivyerekeye Imana.

● Abavyeyi bakwiye kurindira abana bagakura bakabona kuyaga na bo ivy’idini.

● Abavyeyi bakwiye kwigisha abana babo ivyo bemera ku bijanye n’Imana bakiri bato. Ariko uko abana babo bagenda barakura, abavyeyi bakwiye kubaremesha gukoresha ubwenge bwabo bakabizirikanako.

● Abana bakwiye gupfa kwemera ivyo abavyeyi babo bizera ku vyerekeye Imana.

Idini ryoba rigirira nabi abana?

Nta muvyeyi w’umutima yipfuza kugirira nabi umwana wiwe. Mugabo none, ibimaze kwibonekeza vyoba bishigikira ivyiyumviro vy’ababona ko abana badakwiye kwiga ivyerekeye Imana? Abashakashatsi baramaze imyaka mirongo batohoza cane ingaruka ivyo abavyeyi bemera mu vy’idini bigira ku bana. None bashitse ku ki?

Basanze idini rishobora kugira ingaruka nziza kw’ikura ry’umwana aho kumugirira nabi. Icegeranyo casohowe mu kinyamakuru kimwe (Social Science Research) * mu 2008 cavuze giti: “Vyaribonekeje ko idini rituma ubucuti buri hagati y’umwana n’umuvyeyi burushiriza kuba bwiza, haba kuri se canke nyina.” Cavuze kandi giti: “Idini be n’ivy’Imana biboneka ko ari umuce uhambaye ku buzima bw’abana benshi kandi birahambaye rwose mu bijanye n’ubucuti bw’abagize umuryango.” Ivyo birahuye n’ivyo Yezu Kristu yavuze ati: “Hahiriwe abazi ko bakeneye ivy’impwemu, kuko ubwami bwo mw’ijuru ari ubwabo.”​—Matayo 5:3.

Tuvuge iki kuri ca ciyumviro c’uko ngo abana bakwiye kubanza gukura bakabona kwigishwa ivyerekeye Imana n’idini? Umuntu yiyumviriye gutyo yoba yirengagije iki kintu: Umuzirikanyi w’umwana umeze nk’indobo igaragara irindiriye kwuzuzwa. Mu vy’ukuri, abavyeyi babwirizwa guhitamwo kimwe muri ibi bintu bibiri: kwuzuriza iyo ndobo y’ikigereranyo i muhira mu kuyishiramwo ingingo ngenderwako zigenga inyifato runtu be n’inyigisho babona ko bibereye, canke bakareka ivyiyumviro umwana acucagirwa n’abantu bo hanze bikaba ari vyo vyuzura mu muzirikanyi wiwe no mu mutima wiwe.

Akabanga ni akahe?

Kahise karerekana neza yuko idini rishobora gutuma haba urwanko n’ukwinubana. Abavyeyi bokora iki none kugira ngo bimwe Jonathan Swift yavuga ntibishike? Bokwigisha gute abana babo inyigisho zibafasha gukunda abandi?

Akabanga tugasanga mu nyishu z’ibi bibazo bitatu: (1) Ni ibiki abana bakwiye kwiga? (2) Ni nde akwiye kubigisha? (3) Uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kubigisha ni ubuhe?

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 11 Ico cigwa cagizwe hisunzwe ivyatohojwe ku bana barenga 21.000 bo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, no ku bavyeyi babo be n’abarimu babo.