Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kuba umukirisu n’umunyagihugu yitaho ibintu bishoboka gute?

Kuba umukirisu n’umunyagihugu yitaho ibintu bishoboka gute?

Kuba umukirisu n’umunyagihugu yitaho ibintu bishoboka gute?

NI IBINTU bibiri ibihe vyaranze igikorwa Yezu yaranguye kw’isi? Ica mbere ni uko Yezu yarondera guhindura imitima y’abantu umwe wese ku giti ciwe, aho guhindura inzego z’ivya politike. Nk’akarorero, raba ico Yezu yashimitseko muri ya Nsiguro yo ku Musozi yashikiriza. Imbere y’uko avuga ko abigishwa biwe bakwiye kuba nk’umunyu n’umuco, yabwiye abariko bamwumviriza yuko abagira agahimbare nyakuri ari “abazi ko bakeneye ivy’impwemu.” Yongeyeko ati: “Hahiriwe abitonda, . . . abatyoroye mu mutima, . . . indemeshamahoro.” (Matayo 5:1-11) Yezu yarafashije abayoboke biwe kubona akamaro ko guhindura ivyiyumviro vyabo bakabihuza n’ingingo ngenderwako z’Imana zigenga iciza n’ikibi be n’akamaro ko gukorera Imana n’umutima wabo wose.

Ikigira kabiri ni uko Yezu abonye imibabaro abandi barimwo yaca abumvira impuhwe bigatuma arondera kugabanya amagorwa yabo. Ariko rero, ntiyarondera gukuraho imibabaro yose. (Matayo 20:30-34) Naho yakijije abarwaye, indwara zagumyeho. (Luka 6:17-19) Yararuhuriye abakandamizwa, mugabo akarenganyo karabandanije gutera imibabaro abantu. Yaragaburiye abashonje, ariko amapfa yabandanije asinzikaza abantu.​—Mariko 6:41-44.

Guhindura imitima no kugabanya imibabaro

Kubera iki none Yezu yarondera canecane guhindura imitima y’abantu no kubagabaniriza umubabaro, aho kurondera guhindura inzego canke gukuraho imibabaro? Yezu yari azi ko Imana ifise umugambi wo gukoresha Ubwami bwayo muri kazoza kugira ngo ikureho intwaro zose z’abantu be n’ibitera imibabaro yose. (Luka 4:43; 8:1) Ni co gituma umusi umwe abigishwa biwe bamuremesheje kumara umwanya wiyongereye akiza abarwaye, ariko abishura ati: “Tugende ahandi, mu tugari two mu micungararo, kugira ngo na ho nyene namamazeyo, kuko ico ari co canzanye.” (Mariko 1:32-38) Yezu yaragabanirije abantu benshi ububabare, mugabo yashira imbere igikorwa co kwamamaza no kwigisha ijambo ry’Imana.

Mu gikorwa Ivyabona vya Yehova bakora muri iki gihe co kwamamaza, barihatira kwigana Yezu. Barumva bavyuriwe umutima wo kugabaniriza abantu imibabaro mu gufasha mu buryo ngirakamaro abari mu nkenero. Mugabo Ivyabona vya Yehova ntibarondera gukuraho akarenganyo karangwa mw’isi. Baremera ko Ubwami bw’Imana buzokuraho ibitera imibabaro yose. (Matayo 6:10) Nka kumwe kwa Yezu, barihatira guhindura imitima y’abantu aho kurondera guhindura inzego z’ivya politike. Ivyo ni vyo bibereye narirya ingorane nyamukuru zihanze abantu zitajanye n’ivya politike, ahubwo zijanye n’inyifato runtu.

Abanyagihugu bitaho ibintu

Naho ari ukwo, Ivyabona vya Yehova babona ko bwa bakirisu bajejwe ibanga ryo kuba abanyagihugu beza. Ni co gituma bubaha ubutegetsi. Biciye ku bitabu vyabo no ku gikorwa cabo co kwamamaza inkuru nziza, bararemesha abandi kwubahiriza amategeko. Ariko rero, igihe Leta ibasavye ikintu giteye kubiri n’amategeko y’Imana, ico gihe ntibaheza ngo bagamburuke. Baca “[ba]gamburukira Imana nka yo mutware aho kugamburukira abantu.”​—Ivyakozwe 5:29; Abaroma 13:1-7.

Ivyabona vya Yehova baragendera abo mu kibano babamwo bose kugira bigishe Bibiliya ku buntu abavyipfuza bose. Ico gikorwa co kwigisha caratumye imitima y’abantu amamiliyoni ihinduka. Ku mwaka ku mwaka, abantu ibihumbi amajana barafashwa gutsinda ingeso zonona, nko kunywa itabi, akaborerwe, kwihereza ibiyayuramutwe, akamari n’ubuhumbu. Basigaye ari abanyagihugu bigenza runtu kandi bitaho ibintu kubera ko bize gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu buzima bwabo.​—Raba ikiganiro kivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu,” ku rupapuro rwa 18 rw’iki kinyamakuru.

Vyongeye, inyigisho za Bibiliya zirafasha abagize umuryango kurushiriza kwubahana no guseruranira neza akari ku mutima, haba hagati y’abubakanye, hagati y’abavyeyi n’abana canke hagati y’abana ubwabo. Ivyo birakomeza ubucuti bw’abagize umuryango. Iyo miryango ikomeye iraheza ikavamwo ikibano gikomeye kuruta.

Urimbuye ivyiyumviro twaciye irya n’ino muri ibi biganiro, wewe uvyibazako iki: Bibiliya yoba yemera ko umuntu avanga idini na politike? Inyishu iratomoye: Bibiliya ntivyemera. Ariko abakirisu boba bakwiye kuba abanyagihugu bitaho ibintu? Egome. Bobigira gute? Mu gukurikiza itegeko rya Yezu ribasaba kuba nk’umunyu w’isi n’umuco w’isi.

Abihatira gukurikiza ubwo buyobozi ngirakamaro Kristu yatanze barironkera ivyiza bo ubwabo n’imiryango yabo be n’ikibano babamwo. Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo bazohimbarwa no kukubwira vyinshi ku bijanye n’igikorwa co kwigisha Bibiliya barangurira aho mu karere iwanyu. *

[Akajambo k’epfo]

^ ing. 12 Ubishimye, urashobora kuvugana n’Ivyabona vya Yehova biciye kuri Internet ku muhora www.watchtower.org

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 10]

Yezu yarondera guhindura imitima y’abantu, aho guhindura inzego z’ivya politike

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 11]

Ivyabona vya Yehova babona ko bajejwe ibanga ryo kuba abanyagihugu beza