Niwiyegereze Imana
“Amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova”
WOKWUMVA umerewe gute hamwe hogira uwukwagiriza ikibi utakoze? Bite ho hamwe ico kibi coba catumye abandi bamererwa nabi cane, ushizemwo n’abantu benshi ata co bazira? Nta gukeka ko wokwipfuza gukura iceyi kw’izina ryawe! Wari uzi none ko Yehova yashikiwe n’ikintu nk’ico? Muri iki gihe, akarenganyo n’imibabaro biri kuri iyi si abantu benshi bavyegeka ku Mana. None Yehova yoba arajwe ishinga no gukura iceyi kw’izina ryiwe? Cane nyene! Rimbura ibivugwa mu gitabu ca Ezekiyeli.—Soma Ezekiyeli 39:7.
Yehova avuga ati: “Sinzokwongera kureka ngo izina ryanje ryeranda rihumanywe.” Igihe abantu bamwegetseko akarenganyo kaba, baba bariko barahumanya izina ryiwe. Uti gute? Muri Bibiliya, “izina” akenshi ryerekeza ku kuntu umuntu azwi. Igitabu kimwe kivuga ko izina ry’Imana ryerekeza ku “vyo abandi bazi ku bijanye na yo, ni ukuvuga ivyo yahishuye ku biyerekeye; rigereranya kandi ukuntu ivugwa, hamwe n’icubahiro cayo.” Izina rya Yehova ririmwo iciyumviro c’ukuntu azwi. None Yehova azwi gute ku bijanye n’akarenganyo? Emwe, arakanka! Vyongeye, arumvira impuhwe abo gashikira. * (Kuvayo 22:22-24) Igihe abantu bavuze ko Imana ari yo yobazwa ibintu yanka urunuka, baba bariko baracafuza izina ryayo. Baba ‘bagaye izina ryayo.’—Zaburi 74:10.
Urabona yuko Yehova akoresha incuro zibiri imvugo ngo “izina ryanje ryeranda.” (Umurongo wa 7) Muri Bibiliya, usanga incuro nyinshi izina rya Yehova riri kumwe n’ijambo “ceranda,” “ubweranda” canke ayandi asa n’ayo. Kuvuga ko ikintu ari “ceranda” bitanga iciyumviro c’uko ico kintu cashizwe ku ruhande; bitanga kandi iciyumviro c’uko ico kintu kitanduye kandi gityoroye. Izina rya Yehova ni ryeranda kubera yuko nyeneryo ari mweranda, bikaba bisobanura ko atandukanijwe rwose n’ikintu cose gifitaniye isano n’igicumuro kandi gihumanye. Woba wabonye igituma abegeka kuri Yehova ibintu bibi baba bariko barasiga “izina [ryiwe] ryeranda” iceyi kitagira uko kingana?
Umugambi Yehova afise wo kuzokura iceyi kw’izina ryiwe biciye ku Bwami bwiwe ni co kintu nyamukuru Bibiliya ivuga. Ico kintu kirashimikwako mu gitabu ca Ezekiyeli, ikivuga incuro n’izindi giti: “Amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova.” (Ezekiyeli 36:23; 37:28; 38:23; 39:7) Urabona ko amahanga atari yo azokwihitiramwo niba yomenya canke atomenya Yehova uwo ari we. Ahubwo riho, “azobwirizwa ku[bi]menya.” Mu yandi majambo, Yehova afise umugambi wo kuzogira ico akoze ku buryo bizotuma amahanga yo kw’isi abwirizwa kwemera ko Yehova ari Umukama Segaba nk’uko avyivugira, izina ryiwe rikaba rifitaniye isano n’ikintu cose ceranda, gityoroye kandi kidahumanye.
Uwo muhango Imana yatanze yisubiriza mu kuvuga ngo “amahanga azobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova” ni inkuru nziza ku bantu bashashaye kubona akarenganyo be n’imibabaro bitakirangwa kuri iyi si. Vuba Yehova agiye gushitsa uwo muhango, akure iceyi cose kw’izina ryiwe. Azokuraho ubukozi bw’ikibi be n’ababukora mugabo azigame abemera icese izina ryiwe kandi bakaryubaha, bakubaha n’ico risobanura. (Imigani 18:10) Ivyo vyoba none bitumye wipfuza kumenya ingene worushiriza kwiyegereza Yehova, ya Mana nyeranda, umwe “akunda ubutungane”?—Zaburi 37:9-11, 28.
Aho turemeshejwe gusoma muri Nyakanga:
[Akajambo k’epfo]
^ ing. 2 Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwiyegereze Imana—Irakunda ubutungane,” mu Munara w’Inderetsi wo ku wa 1 Munyonyo 2008.