Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro

Imana irabatera iteka ikabaha n’icubahiro

IGIHE Yezu yari kw’isi, yarerekanye mu buryo butagira agahaze kamere za Se wiwe yongera arigana uburyo akora ibintu. Yavuze ati: “[N]ta kintu na kimwe nkora ndavyigeneye; mugabo nk’uko Data yanyigishije ni ko mvuga . . . nama nkora ibimuhimbara.” (Yohani 8:28, 29; Abakolosayi 1:15) Turavye rero uburyo Yezu yafata abakenyezi be n’ukuntu yababona, duca dutahura ukuntu Imana ibabona be n’ivyo ibitezeko.

Bafatiye ku bivugwa mu Njili, abashakashatsi batari bake baremeje yuko ukuntu Yezu yabona abagore vyari bitandukanye n’ukuntu babonwa mu kibano co muri ico gihe. Uti gute? N’igihambaye kuruta, mbega ivyo yigishije vyoba bishobora gutuma abakenyezi baronka umwidegemvyo no muri kino gihe?

Ukuntu Yezu yafata abakenyezi

Yezu ntiyabona ko ari abo kwimarirako inambu y’umubiri gusa. Indongozi zimwezimwe z’idini ry’Abayuda zabona ko kuvugana n’abakenyezi ata kindi vyashobora gushikanako umuntu atari ukumuvyurira inambu y’umubiri ikomeye. Kubera ko abakenyezi bafatwa nk’isôko ry’inyosha mbi, ntibemererwa kuvugana n’abagabo ku mugaragaro canke ngo bagendagende batitwikiriye. Ariko Yezu we yahanuye abagabo gucungera ivyipfuzo vyabo vy’umubiri no gufatana icubahiro abakenyezi, aho kubigizayo.​—Matayo 5:28.

Yezu yavuze kandi ati: “Uwo wese yirukana umugore wiwe akarongora uwundi, aba arenze ibigo ku vyerekeye nya mugore.” (Mariko 10:11, 12) Mu kuvuga gutyo yari yiyamirije inyigisho y’abarabi (abigisha b’idini) yari ikwiragiye ico gihe yaha abagabo uburenganzira bwo kwahukana n’abagore babo “ku mvo iyo ari yo yose.” (Matayo 19:3, 9) Ico ciyumviro c’uko umugabo yashobora kurenga ibigo ku vyerekeye umugore wiwe cabaye gishasha ku Bayuda benshi. Abarabi bigisha yuko umugabo atigera arenga ibigo ku bijanye n’umugore wiwe, bakavuga ntuze ngo umugore ni we gusa yashobora guhemukira umugabo! Nk’uko igitabu kimwe gisigura ivya Bibiliya kibivuga, “Yezu mu kwerekana ko umugabo n’umugore bagengwa n’ingingo zimwe mu bijanye no kwigenza runtu, yarateye iteka abakenyezi yongera arabaha icubahiro.”

Ingene iyo nyigisho yiwe ifasha muri iki gihe: Mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova, abakenyezi baraja hamwe n’abagabo ku makoraniro bagira ata co binona. Ariko ntibirirwa barahagarika umutima cane ku vy’uko abagabo n’abakenyezi bohava barabana mu buryo butabereye canke bakamenyerana birenze urugero, kubera ko abagabo bakirisu bitwararika gufata “abagore bahumuye nka ba [nyina], abagore bakiri bato na bo nka bashi[ki babo], mu kutandura kwose.”​1 Timoteyo 5:2.

Yezu yarafata umwanya wo kwigisha abakenyezi. Inyigisho y’abarabi yari ikwiragiye cane yavuga ko abakenyezi ata co bari bakwiye kumenya; ariko Yezu we yarabigisha akongera akabaremesha guserura iryo bagona. Igihe Yezu yaha Mariya akaryo gateye umunezero ko kwigishwa, yari yerekanye ko umukenyezi atari uw’igikoni gusa. (Luka 10:38-42) Umuntu afatiye ku nyishu zirimwo ubwenge Marita mwene wabo na Mariya yishuye Yezu inyuma y’aho Lazaro apfiriye, biragaragara ko na we nyene yari yarungukiye ku nyigisho ya Yezu.​—Yohani 11:21-27.

Yezu yaraha agaciro ivyo abakenyezi biyumvira. Ico gihe, Abayudakazi benshi biyumvira yuko kuba ufise umwana w’umuhungu azwi neza, bishobotse akaba ari umuhanuzi, vyatuma uca ugira agahimbare. Igihe umukenyezi umwe yashira ijwi hejuru akavuga ati: “Hahiriwe inda yagutwaye!”, Yezu yaciye aboneraho akaryo ko kumubwira ikintu caruta ico. (Luka 11:27, 28) Yezu yaramweretse yuko kwumvira Imana ari vyo vyari n’agaciro kuruta, gutyo aba yerekeje ivyiyumviro vy’uwo mukenyezi ku kintu gihambaye kuruta ikibanza abakenyezi bahabwa mu kibano co muri ico gihe.​—Yohani 8:32.

Ingene iyo nyigisho yiwe ifasha muri iki gihe: Abigisha mw’ishengero ry’Ivyabona vya Yehova baraha akaryo abakenyezi ko guserura iryo bagona mu gihe baba bakoraniye hamwe mw’ishengero. Barubaha abakenyezi bahumuye kubera abo bakenyezi ari “abigisha b’ivyiza” biciye ku karorero batanga igihe baba bari kumwe n’abandi canke batari kumwe n’abandi. (Tito 2:3) Vyongeye, barafadikanya na bo mu kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 68:11; raba uruzitiro ruvuga ngo “Intumwa Paulo yoba yarabujije abakenyezi kuvuga?” ruri ku rupapuro rwa 9.

Yezu yaritwararika abakenyezi. Mu bihe vya Bibiliya, abakobwa ntibahabwa agaciro nk’abahungu. Ca gitabu Talimudi kirabishira ahabona mu kuvuga giti: “Arahiriwe uwavyaye abahungu, nayo uwavyaye abakobwa we arahumiwe.” Hari abavyeyi babona yuko kugira umukobwa vyari umuzigo kuruta kugira umuhungu, kuko vyasaba ko bamuronderera umuhungu bazokwubakana bakongera bakamukwa, kandi babona ko nya mukobwa ata co yobamariye bageze mu busaza.

Yezu we yarerekanye yuko ubuzima bw’akigeme gatoya bunganya agaciro n’ubw’umwana w’umuhungu, ivyo akaba yabigize mu kuzura umukobwa wa Yayiro nk’uko yazuye umuhungu w’umupfakazi w’i Nayini. (Mariko 5:35, 41, 42; Luka 7:11-15) Igihe yakiza umugore “yari amaze imyaka cumi n’umunani arimwo impwemu y’ubugoyagoye,” yamwise “umukobwa wa Aburahamu,” iyo ikaba ari imvugo bisa n’uko itigera iboneka mu vyandikano vy’Abayuda. (Luka 13:10-16) Mu gukoresha iyo mvugo iranga icubahiro n’ubuntu, Yezu ntiyabona gusa ko uwo mukenyezi ari umuntu nk’abandi bose bo mu kibano, ariko kandi yari yemeye icese yuko uwo mukenyezi yari afise ukwizera gukomeye.​—Luka 19:9; Abagalatiya 3:7.

Ingene iyo nyigisho yiwe ifasha muri iki gihe: Hari umwibutsa wo muri Aziya uvuga ngo: “Kurera umukobwa ni nk’ukuvomera itongo rya murundi.” Ba serugo b’abakirisu bafise urukundo ntibabona ibintu muri ubwo buryo, ahubwo riho baritwararika neza abana babo bose, baba ari abahungu canke abakobwa. Abavyeyi bakirisu baritwararika ivy’uko abana babo baronka indero nziza bakagira n’amagara meza.

Yezu yarateye iteka Mariya Magadalena ryo kumenyesha intumwa ko yari yazutse

Yezu yarizigira abakenyezi. Muri sentare z’Abayuda, intahe yashingwa n’umukenyezi yafatwa nk’intahe ishinzwe n’umushumba. Umutohozakahise wo mu kinjana ca mbere yitwa Josèphe yavuze ati: “Nta kimenyamenya gitanzwe n’abakenyezi gikwiye kwemerwa, kuko basanzwe ari abantu bafyina kandi bubahuka.”

Igihushanye n’ivyo, Yezu we yarashimye ko abakenyezi bashingira intahe izuka ryiwe. (Matayo 28:1, 8-10) Naho abo bakenyezi b’abizigirwa bari bariboneye ingene Umukama wabo yicwa akongera agahambwa, igihe babwira intumwa ziwe ko yazutse zaranse kuvyemera. (Matayo 27:55, 56, 61; Luka 24:10, 11) Ariko rero, kuba Kristu yabanje kwiyereka abakenyezi aho amariye kuzuka, vyerekana ko yabona yuko bari babereye gushinga intahe cokimwe n’abandi bigishwa biwe.​—Ivyakozwe 1:8, 14.

Ingene iyo nyigisho yiwe ifasha muri iki gihe: Mu mashengero y’Ivyabona vya Yehova, abagabo bafise amabanga baraha icubahiro abakenyezi mu kutirengagiza ivyiyumviro bashikiriza. Abanega bakirisu na bo ‘baratera iteka’ abakenyezi babo mu kubatega yompi bitonze.​—1 Petero 3:7; Itanguriro 21:12.

Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya ziratuma abakenyezi bagira agahimbare

Abakurikiza ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya barubaha abakenyezi bakongera bakabatera iteka

Iyo abagabo biganye Kristu, abakenyezi barahabwa icubahiro n’umwidegemvyo Imana yabageneye kuva ikibarema. (Itanguriro 1:27, 28) Aho kwishima kubera ko ari abagabo, abanega bakirisu baremera kuyoborwa n’ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ivyo bikaba bituma abo bubakanye bagira agahimbare.​—Abanyefeso 5:28, 29.

Igihe Yelena yatangura kwiga Bibiliya, yarafatwa nabi cane n’umugabo wiwe ariko akavyihanganira. Uwo mugabo wiwe yari yakuriye mu bantu bafata nabi abandi, aho wasanga ingeso yo guterura abakobwa bakabacikiza no kubagirira nabi ku mubiri yari yaracitse umugenzo. Yelena avuga ati: “Ivyo nize muri Bibiliya vyarankomeje. Naratahuye yuko Imana yoyo inkunda cane kandi ikampa agaciro ikongera ikanyitwararika. Naratahuye kandi yuko hamwe umugabo wanje yoramuka yize Bibiliya, yohinduye ukuntu yamfata.” Ico cipfuzo cahavuye kiranguka igihe uwo mugabo wiwe yahava akemera kwiga Bibiliya, mu nyuma akabatizwa akaba Icabona ca Yehova. Yelena yongerako ati: “Yahavuye aba intangakarorero mu bijanye no kwigumya no kwifata. Twarize guharirana bimwe bivuye ku mutima.” Uti ni igiki none Yelena yiboneye? Avuga ati: “Ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zaratumye numva vy’ukuri ko ndi n’ico maze be n’uko nkingiwe mu mubano wanje.”​—Abakolosayi 3:13, 18, 19.

Ivyo ntivyashikiye Yelena wenyene. Abakenyezi amamiliyoni b’abakirisu ubu barahimbawe kubera ko bo hamwe n’abanega babo bihatira gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya mu mubano wabo. Mw’ishengero, aho bifataniriza n’abakirisu bagenzi babo, baraharonkera icubahiro, impumurizo n’umwidegemvyo.​—Yohani 13:34, 35.

Abagabo be n’abakenyezi bakirisu baratahura yuko ari abacumuzi kandi ko badatunganye. Ariko rero, biciye ku kwiyegereza Umuvyeyi wabo munyarukundo, ari we Yehova Imana, barafise icizigiro c’uko ‘bazogirwa abidegemvya’ bakava mu buja bw’igicumuro n’ukudatungana, maze bakironkera ubuzima nyakuri. Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza igitangaza baba abagabo canke abakenyezi bahabwa n’iyo Mana ibitwararika!​—Abaroma 8:20, 21.