Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwige Ijambo ry’Imana

Ni ibiki bizoba ku Musi w’Urubanza?

Ni ibiki bizoba ku Musi w’Urubanza?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Umusi w’Urubanza ni iki?

Nk’uko ubibona kuri iyo shusho iri iburyo, abantu benshi biyumvira ko ku Musi w’Urubanza abantu amamiliyaridi bazozanwa imbere y’intebe y’ubwami y’Imana kugira ngo bacirwe urubanza hisunzwe ivyo bakoze kera, bamwe bace bahabwa impera yo kuba mw’ijuru, abandi bababarizwe mu muriro udahera. Ariko Bibiliya yerekana yuko Umusi w’Urubanza ufise intumbero yo gukiza abantu akarenganyo. (Zaburi 96:13) Imana yagenye Yezu ngo abe ari we aba Umucamanza azogarukana ubutungane mu muryango wose w’abantu.​—Soma Yesaya 11:1-5; Ivyakozwe 17:31.

2. Umusi w’Urubanza uzogarukana gute ubutungane?

Igihe wa mugabo wa mbere Adamu yagarariza Imana n’ibigirankana, yari atumye abomukomotseko bose bashikirwa n’igicumuro, imibabaro n’urupfu. (Abaroma 5:12) Kugira ngo Yezu akosore ico kintu c’akarenganyo, azozura abantu amamiliyoni bapfuye, basubire kuba bazima. Igitabu c’Ivyahishuwe cerekana yuko ivyo bizoba mu gihe c’ingoma ya Kristu Yezu y’imyaka igihumbi.​—Soma Ivyahishuwe 20:4, 11, 12.

Abazoba bazutse ntibazocirwa urubanza hisunzwe ivyo bakoze batarapfa; ahubwo hazokwisungwa ivyo bazokora igihe ivyanditse mu “mizingo” ivugwa mu Vyahishuwe ikigabane ca 20 bizoba bimaze guhishurwa. (Abaroma 6:7) Abazozurwa maze bakaronka akaryo ko kwiga ivyerekeye Imana bazoba bagizwe n’“abagororotsi n’abatari abagororotsi” nk’uko intumwa Paulo yabivuze.​—Soma Ivyakozwe 24:15.

3. Ni ibiki Umusi w’Urubanza uzoshikako?

Abapfuye batigeze bamenya ivyerekeye Yehova Imana ngo bamukorere bazoronka akaryo ko guhindura maze bakore ivyiza. Babigenjeje gutyo, ukuzuka kwabo kuzoba kubaye ‘ukuzukira ubuzima.’ Ariko bamwebamwe mu bazoba bazutse ntibazoshima kumenya inzira za Yehova. Ukuzuka kwabo kuzoba kubaye ‘ukuzukira urubanza.’​—Soma Yohani 5:28, 29; Yesaya 26:10; 65:20.

Uwo Musi w’Urubanza w’imyaka igihumbi urangiye, Yehova azoba amaze gutuma abantu bamugamburukira basubira kuba abatunganye nk’uko vyari mu ntango. (1 Abakorinto 15:24-28) Ese ukuntu ico ari icizigiro ciza cane kuri abo bose bagamburukira Imana! Kugira ngo abantu bagezwe irya nyuma, Imana izorekura Shetani wa Mubesheranyi ave mu nyenga azoba yagumijwemwo imyaka igihumbi. Shetani azoca agerageza gusubira kwonkora abantu kuri Yehova, ariko abazokwamirira kure Shetani bazoheza bibere kw’isi ibihe bidahera.​—Soma Yesaya 25:8; Ivyahishuwe 20:7-9.

4. Ni uwundi musi w’urubanza uwuhe uzogira ico umariye abantu?

Bibiliya irakoresha kandi imvugo “umusi w’urubanza” ishaka kuvuga ikintu kizotuma iyi si mbi ivaho. Uwo musi w’urubanza uzoza giturumbuka nka rya Segenya ryo mu gihe ca Nowa ryakukumura abantu babi bose bo muri ico gihe. Birahimbaye kuba agatikizo kimirije k’“abantu batibanga Imana” kazocira inzira isi nshasha, ni ukuvuga ikibano gishasha c’abantu, aho “ubugororotsi buzoba.”​—Soma 2 Petero 3:6, 7, 13.