Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?

Ikibazo ca 1: Ubuzima bwanje bufise intumbero iyihe?

UWITWA Rosalind yakuriye mu Bwongereza, akaba yari anyotewe cane kumenya ibintu vyinshi. Yaripfuza kandi gufasha abandi. Arangije amashure, yararonse akazi gakomeye kamuhaye akaryo ko gufasha abatagira aho baba, kandi yarafashije n’abafise ubumuga bwo ku mubiri be n’ubumuga butuma batoroherwa no kwiga. Naho yakora akazi katuma yumva ashize akanyota, akaba kandi yari yorohewe mu vy’ubutunzi, avuga ati: “Naramaze imyaka nibaza nti: ‘Kubera iki turi ng’aha kw’isi? Ubuzima bufise intumbero iyihe?’”

Ni kuki twokwibaza ico kibazo?

Abantu ntibameze nk’ibikoko kuko vyovyo bitiyumvira. Turafise ubushobozi bwo kwigira ku vyahise, gutegura kazoza no kurondera icotuma ubuzima bwacu bugira intumbero.

Bamwebamwe bacishura gute?

Benshi babona ko intumbero nyamukuru y’ubuzima ari ukuronka amatungo canke kuba rurangiranwa, ngo gutyo ukironkera agahimbare.

Iyo nyishu yerekana iki?

Ishaka kwerekana yuko ari twe twishingira ibihambaye kuruta ibindi mu buzima, be n’uko ivyipfuzo vyacu bihambaye kuruta ivyo Imana igomba.

Bibiliya ibivugako iki?

Umwami Salomo yaregeranije ubutunzi butagira uko bungana yongera akurikirana ibinezereza, mugabo yasanze ivyo vyose bidatuma ubuzima bw’umuntu buguma bufise intumbero. Yarerekanye icotuma ubuzima bugira intumbero vy’ukuri, igihe yandika ati: “Insozero y’ibintu, inyuma yo kwumva ibintu vyose, ni iyi: Tinya Imana y’ukuri kandi ugumye amabwirizwa yayo. Kuko ivyo umuntu ategerezwa vyose ari ivyo.” (Umusiguzi 12:13) None kugumya amabwirizwa y’Imana bidusaba iki?

Kimwe mu vyo Imana itwipfuriza ni uko duhimbarirwa ubuzima. Salomo yanditse ati: “Ku muntu, nta ciza kihari kuruta ko yorya, emwe, akanywa, agatuma umutima wiwe ubona iciza kubera igikorwa ciwe c’ubutame. Ivyo na vyo nyene narabibonye, jewe ubwanje, yuko ivyo biva mu kuboko kw’Imana y’ukuri.”​—Umusiguzi 2:24.

Imana yipfuza kandi ko dukunda umuryango wacu tukongera tukawitaho. Raba impanuro isanzwe kandi ngirakamaro iha umwe wese mu bagize umuryango.

  • “Abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.”​—Abanyefeso 5:28.

  • “Umugore . . . ategerezwa kugirira umugabo wiwe icubahiro kigera kure.”​—Abanyefeso 5:33.

  • “Bana, mugamburukire abavyeyi banyu.”​—Abanyefeso 6:1.

Dushize mu ngiro izo ngingo ngenderwako zo muri Bibiliya, turashobora kugira agahimbare n’umunezero ku rugero runaka. Ariko ikintu gihambaye kuruta ibindi vyose twokora ni ukwiga ivyo dushoboye vyose ku bijanye n’Umuremyi wacu kandi tukamwiyegereza akatubera Umugenzi. Kanatsinda, Bibiliya idutera akamo iti: “Mwiyegereze Imana.” Ica itanga uyu muhango mwiza igitangaza, iti: “Na yo izobiyegereza.” (Yakobo 4:8) Witabiriye ako kamo igutera, ubuzima bwawe buzoca bugira intumbero koko.

Umwe Rosalind twavuga mu ntango, ubu arabona ko yubuye intumbero y’ubuzima. Ku rupapuro rwa 10 rw’iki kinyamakuru, urashobora kwisomera icamufashije guhindura ingendo.