Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwige Ijambo ry’Imana

Imana yoba izoshiraho intwaro izoganza isi yose?

Imana yoba izoshiraho intwaro izoganza isi yose?

Iki kiganiro kirabaza ibibazo woba umaze kwibaza, kikerekana aho ushobora kwisomera inyishu zavyo muri Bibiliya. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kuyaga nawe kuri izo nyishu.

1. Kubera iki umuryango w’abantu ukeneye intwaro iganza isi yose?

Ingorane abantu bafise muri iki gihe usanga kenshi zikwiye kw’isi yose. Mu bihugu bimwebimwe, abantu benshi ni abakene n’impahazwa. Ariko mu bindi bihugu usanga benshi basa n’abafise ibirengeye ivyo bakeneye. Intwaro ikwiye kw’isi yose ni yo yonyene yogabanganya neza ubutunzi bw’isi, ata mwana n’ikinono.​—Soma Umusiguzi 4:1; 8:9.

2. Ni nde yoshingwa gutwara isi yose?

Ni bake boshima ko hagira umuntu umwe atwara isi yose kubera ko ata mugabo canke umugore yoshobora kubatwara neza. Nta muntu yokwemerwa na bose. Vyongeye, ni nde muntu atohinduka akamera nabi kubera ububasha afise? Iciyumviro c’uko umuntu umwe rudende yotwara abantu bose akabatwaza igikenye kirateye ubwoba.​—Soma Imigani 29:2; Yeremiya 10:23.

Yehova Imana yahisemwo Umwana wiwe Yezu ngo azoganze umuryango w’abantu ibihe bidahera. (Luka 1:32, 33) Yezu arazi ico ari co kuba kw’isi narirya ubwiwe yahabaye. Igihe yari ng’aha kw’isi, yarakijije abarwaye, arigisha abitonda, aranamarana umwanya n’abana. (Mariko 1:40-42; 6:34; 10:13-16) Vy’ukuri, Yezu ni we Mutware abikwiriye.​—Soma Yohani 1:14.

3. Intwaro iganza isi yose yoba vy’ukuri ishoboka?

Imana yagenye Umwana wayo ngo aganze isi ari mw’ijuru. (Daniyeli 7:13, 14) Kugira ngo Yezu atware umuryango w’abantu, si ngombwa ngo abe ari kw’isi, nka kurya nyene atari ngombwa ngo umutegetsi abe ari mu bisagara vyose vyo mu karere atwara.​—Soma Matayo 8:5-9, 13.

None abantu bose boba bazokwemera ko Yezu abatwara? Oya. Abakunda iciza ni bo gusa bazomwemera. Yehova azokura kw’isi abatera akagere uwo Mutware yagenye w’umunyarukundo kandi agororotse.​—Soma Matayo 25:31-33, 46.

4. Uwo Mutware w’isi yose azokora iki?

Kurya kw’umwungere yegeranya intama ziwe, Yezu aramaze gutangura kwegeranya abantu bitonda bo mu mahanga yose no kubigisha inzira ziranga urukundo z’Imana. (Yohani 10:16; 13:34) Abo bantu baca baba abashigikira Yezu n’ubutegetsi bwiwe bivuye inyuma. (Zaburi 72:8; Matayo 4:19, 20) Kw’isi yose, abayoboke ba Yezu b’intahemuka bariko baramamaza bunze ubumwe yuko Yezu amaze kuba Umwami.​—Soma Matayo 24:14.

Vuba Yezu agiye gukoresha ububasha afise kugira aruhurire abantu mu gukuraho intwaro mbi. Yarahisemwo bamwebamwe mu bayoboke biwe kugira ngo bafadikanye na we kuganza isi bari mw’ijuru. (Daniyeli 2:44; 7:27) Ubwami bwa Yezu buzokwuzuza isi ubumenyi bwerekeye Yehova bwongere butume kw’isi hasubira kuba Iparadizo imeze nk’imwe yatakara mu ntango z’ukubaho kw’abantu.​—Soma Yesaya 11:3, 9; Matayo 19:28.