Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abasomyi bacu barabaza . . .

Ukwizera kwoba ari nk’ikibando co kwishimikiza?

Ukwizera kwoba ari nk’ikibando co kwishimikiza?

Abantu bamwebamwe, iyo bari mu ngorane baragerageza kutabona ibintu uko biri koko, bakirinda gukoresha ubwenge. Nka kurya kw’umuntu yishimikiza ikibando canke ibekiye, barihenda mu kwirukira ibintu bituma bamara igihe gito baruhuriwe mu mutima. Nk’akarorero, hari abirukira inzoga kugira ngo zibibagize ingorane barimwo. Mu ntango, izo nzoga zoshobora gutuma bumva baremye, bakumva ko bashoboye guhangana n’ingorane bafise mu buzima. Ariko impera n’imperuka, abishimikiza inzoga nk’ibekiye basanga barigiriye nabi. None ukwizera kwoba na kwo nyene ari nk’ikibando co kwishimikiza?

Hari abivugira ko ukwizera ari ugupfa ivyo wemeye. Bavuga ko abantu bishimikiza ukwizera baba badashaka gukoresha ubwenge mu kwiyumvira canke ngo ivyo bemera babishingire ku bimenyamenya bikomeye. Abo bantu batemera ivy’ukwizera baba bashaka kwerekana ko abemera cane ivy’Imana badashaka kubona ibintu uko biri koko.

Bibiliya iravuga ibitari bike ku bijanye n’ukwizera. Ariko nta na hamwe iremesha abantu gupfa ivyo bemeye. Eka kandi ntishigikira ivyo kudakoresha ubwenge. Ahubwo riho, abantu bapfa kwizera ijambo ryose ibita abatazi utuntu n’utundi, ikabita n’ibipfu. (Imigani 14:15, 18) Vy’ukuri, twoba turi ibipfu hamwe twokwemera iciyumviro kanaka tutabanje gusuzuma ibimenyamenya! Kubigenza gutyo kwoba ari nko kwipfuka igitambara mu maso hanyuma ukagerageza kujabuka ibarabara ryuzuye uruja n’uruza kubera gusa hari uwugusavye kubigira.

Aho kuturemesha gupfa ivyo twemeye, Bibiliya iduhimiriza kuguma turikanuye kugira ngo ntiduhendwe. (Matayo 16:6) Tuguma turikanuye mu gukoresha “ububasha [bwacu] bwo kwiyumvira.” (Abaroma 12:1) Bibiliya iratumenyereza kwiyumvira dufatiye ku bimenyamenya gutyo tugashika ku vyiyumviro bifise ishingiro. Raba utu turorero turi mu vyo intumwa Paulo yanditse.

Igihe Paulo yandikira abo mw’ishengero ry’i Roma, ntiyashaka ko bemera Imana kubera abibabwiye gusa. Ahubwo, yabaremesheje kurimbura ibimenyamenya vy’uko Imana iriho koko. Yanditse ati: “Kamere zayo zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe, ni zo bubasha bwayo bw’ibihe bidahera n’Ubumana bwayo, ku buryo [abahakana ububasha bw’Imana bataronka ico] bireguza.” (Abaroma 1:20) Paulo yakoresheje iciyumviro nk’ico nyene igihe yandikira ikete Abaheburayo. Yavuze ati: “Nkako, inzu yose yubakwa n’umuntu, mugabo uwubatse ibintu vyose ni Imana.” (Abaheburayo 3:4) Mw’ikete Paulo yandikiye abakirisu bo mu gisagara c’i Tesalonika, yabaremesheje kurobanura ivyo bemera. Yipfuza ko ‘biyemeza neza ibintu vyose.’​—1 Abatesalonika 5:21.

Ukwizera kudashingiye ku bimenyamenya vy’ukuri kurashobora kumera nk’ikibando co kwishimikiza, kugatuma umuntu azimira kandi akamererwa nabi. Paulo yanditse ku bijanye n’abanyedini bamwebamwe bo mu gihe ciwe ati: “Ndabashingira intahe yuko bafitiye Imana umwete; mugabo si mu bumenyi butagira amakosa.” (Abaroma 10:2) Ese rero ukuntu bihambaye ko twisunga impanuro Paulo yahaye ishengero ry’i Roma igira iti: “Muhindurwe mu guhindura umuzirikanyi wanyu ukaba musha, kugira mwiyemeze neza ukugomba kw’Imana kwiza, kwemerwa kandi kutagira akanenge ukwo ari kwo.” (Abaroma 12:2) Ukwizera gushingiye ku bumenyi butagira amakosa bwerekeye Imana si ikibando co kwishimikiza, ahubwo ni “inkinzo yagutse” idukingira ivyotugirira nabi mu mutima n’ivyokwonona ubucuti dufitaniye n’Imana.​—Abanyefeso 6:16.