Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Barubuye ikintu ciza kuruta Noweli

Barubuye ikintu ciza kuruta Noweli

HARI abakirisu amamiliyoni bashima kudahimbaza Noweli. None biyumva gute ku bijanye n’iyo ngingo bafashe? Boba bumva ko hari ico bahomba? Abana babo bobo boba bumva ko hari ico babuze? Raba ico Ivyabona vya Yehova bo hirya no hino kw’isi babivugako.

Kwibuka Yezu Kristu: “Ntaraba Icabona ca Yehova, ni gake naja gusenga. Najayo kuri Noweli canke Pasika gusa. Ariko no kuri iyo misi siniyumvira vy’ukuri ibijanye na Yezu Kristu. Ubu singihimbaza Noweli, ariko nditaba amakoraniro yo gusenga tugira kabiri mu ndwi, nkongera ngafasha abandi kumenya ivyo Bibiliya yigisha ku vyerekeye Yezu!”​—VYAVUZWE NA EVE WO MURI OSTRALIYA.

Umunezero wo gutanga: “Ndaryoherwa cane iyo hagize uwumpa ingabirano ntavyiteze. Ndakunda iyo umuntu ankoreye ikintu ntari ndaciteze! Kandi ndakunda gukora udukarata tw’ubutumwa no gucapira abantu udushusho kuko bituma barushiriza kunezerwa, bigatuma na jewe numva ndyohewe.”​—VYAVUZWE NA REUBEN WO MURI IRLANDE YA RUGURU.

Gufasha abari n’ivyo bakeneye: “Turahimbarwa no gutegurira udufungurwa abarwaye. Hari igihe tubashira udushurwe, agakate gasosa canke akandi kantu kugira tubaremeshe. Biraturyohera kubera ko mwene abo bantu dushobora kuja kubaraba igihe cose tubishakiye mu mwaka.”​—VYAVUZWE NA EMILY WO MURI OSTRALIYA.

Guhurira hamwe mu muryango: “Igihe umuryango wacu uhuriye hamwe, bose bisanze, abana bacu bararonka akaryo ko kumenyana na ba inarume be na ba sewabo, ba inasenge na ba nyinabo, ba sekuru na ba inakuru, bavyara babo be n’abandi. Kubera ko tutabwirizwa kubigira ku misi mikuru kanaka gusa, twumva dutekanye; kandi abo mu muryango wacu barazi yuko tubagendera kubera ko tubakunda.”​—VYAVUZWE NA WENDY WO MU MAZINGA YA CAÏMAN.

Amahoro: “Mu gihe ca Noweli, umengo haba hari ibintu vyinshi vyo gukora ku buryo bake ari bo biyumvira ivy’amahoro. Ubu ko namenye ivyo Bibiliya isezeranira abantu, numva mfise amahoro. Ubu ndatahura ko abana banje bazogira kazoza keza.”​—VYAVUZWE NA SANDRA WO MURI ESPANYE.