Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URUPFU RWOBA ARI IHEREZO RYA VYOSE?

Urupfu si iherezo rya vyose!

Urupfu si iherezo rya vyose!

Betaniya kari akagwati kari ku bilometero bitatu uvuye i Yeruzalemu. (Yohani 11:18) Hasigaye amayinga makeya ngo Yezu apfe, hari icago cabaye aho i Betaniya. Lazaro, umwe mu bagenzi somambike ba Yezu, yarafashwe bukumbi ararwara cane hanyuma arapfa.

Yezu acumva iyo nkuru, yabwiye abigishwa biwe yuko Lazaro yari asinziriye kandi ko yagira aje kumukangura. (Yohani 11:11) Ariko abigishwa ba Yezu ntibatahuye ico avuze, ni kwo guca ababwira atomora ati: “Lazaro yapfuye.”—Yohani 11:14.

Haheze imisi ine Lazaro ahambwe, Yezu yarashitse i Betaniya ararondera kuremesha Marita mushiki wa Lazaro. Marita yavuze ati: “Iyo uza kuba wari hano musazanje ntiyari gupfa.” (Yohani 11:17, 21) Yezu yaciye yishura ati: “Ni jewe zuka n’ubuzima. Uwunyizera, naho yopfa, azoba muzima.”—Yohani 11:25.

“Lazaro, sohoka!”

Kugira ngo Yezu yerekane ko ayo majambo ari ay’ukuri, yaciye yegera imva maze asemerera n’ijwi rirenga ati: “Lazaro, sohoka!” (Yohani 11:43) Erega abari ng’aho bagiye babona uwo mugabo yari yapfuye asohoka!

Imbere y’aho, Yezu yari yarazuye n’imiburiburi abantu babiri. Ubwa mbere yari yarazuye umukobwa wa Yayiro. Imbere y’uko amuzura, na ho nyene yari yavuze ko asinziriye.—Luka 8:52.

Urabona yuko igihe Lazaro na wa mukobwa wa Yayiro bapfa, Yezu yagereranije urupfu n’itiro. Ukwo kugereranya urupfu n’itiro birabereye. Uti kubera iki? Iyo umuntu asinziriye nta co aba azi, akaba ari co gituma itiro rigereranya neza ukuruhuka imibabaro. (Umusiguzi 9:5; raba uruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro ruvuga ngo  “Urupfu rumeze nk’itiro rinini.”) Abigishwa ba Yezu bo mu ntango baratahura neza ingene abapfuye bamerewe. Igitabu kimwe (Encyclopedia of Religion and Ethics) kivuga giti: “Ku bayoboke ba Yezu, urupfu rwari rumeze nk’itiro, imva na yo ikaba nk’ahantu ho kuruhukira . . . ku bapfiriye mu kwizera.” *

Biraduhumuriza kumenya yuko abapfuye batariko barababara ahubwo ko basinziriye mu mva. Ivyo rero bituma urupfu rutadutera ubwoba canke ngo tubone ko ivyarwo ari amayobera.

“UMUNTU NI YAPFA, MBEG’AZOSUBIRA KUBAHO?”

Naho gusinzira agatiro ko mw’ijoro biryoshe, nta muntu yipfuza kukagumamwo ibihe bidahera. Ni igiki none gituma twizigira yuko abapfuye basinziriye mu mva bazosubira kuba bazima nk’uko vyagendeye Lazaro na wa mukobwa wa Yayiro?

Ico kibazo nyene ni co umwe sekuruza w’imiryango Yobu yabajije igihe yumva ko agira apfe. Yabajije ati: “Umuntu ni yapfa, mbeg’azosubira kubaho?”—Yobu 14:14, Bibiliya Yera.

Yobu ubwiwe yarishuye ico kibazo mu kubwira Imana Mushoboravyose ati: “Uzohamagara, nanje nzokwitaba. Uzoba ushashaye igikorwa c’amaboko yawe.” (Yobu 14:15) Yobu yari azi neza ko Yehova ashashaye kuzura abasavyi biwe b’abizigirwa. Ico coba gusa cari ikintu Yobu yipfuza ariko kidashoboka? Habe namba!

Kubona Yezu yarazuye abantu vyarerekanye neza ko Imana yamuhaye ububasha ku rupfu. Nkako, Bibiliya ivuga yuko ubu Yezu afise “impfunguruzo z’urupfu.” (Ivyahishuwe 1:18) Yezu rero azokwugurura amarembo y’imva, nk’uko nyene yabigize mu gutegeka ko ibuye ryari ryugaye imva ya Lazaro ritembagazwa.

Bibiliya iravuga akatari gake uwo muhango w’uko abapfuye bazozuka. Umumarayika yarakuye amazinda umuhanuzi Daniyeli ati: “Uzoruhuka, mugabo uzohaguruka ngo utorane umugabane wawe mu mpera y’imisi.” (Daniyeli 12:13) Yezu yabwiye indongozi z’Abayuda zitemera izuka, ari bo Basadukayo, ati: “Mwarahuvye, kubera ko mutazi Ivyanditswe canke ngo mumenye ububasha bw’Imana.” (Matayo 22:23, 29) Intumwa Paulo yavuze ati: “Ndafise icizigiro ku Mana . . . yuko hagiye kubaho izuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi.”—Ivyakozwe 24:15.

ABAPFUYE BAZOZUKA RYARI?

None iryo zuka ry’abagororotsi n’abatari abagororotsi rizoba ryari? Umumarayika yabwiye umugororotsi Daniyeli ko yozutse “mu mpera y’imisi.” Marita na we nyene yaremera ko musazawe Lazaro “[yozutse] mw’izuka ku musi wa nyuma.”—Yohani 11:24.

Bibiliya irerekana ko uwo “musi wa nyuma” ufitaniye isano n’ubutegetsi bw’Ubwami bwa Kristu. Paulo yanditse ati: “Kuko [Kristu] ategerezwa kuganza gushika Imana ishize abansi bose munsi y’ibirenge vyiwe. Urupfu ni we mwansi wa nyuma azokurwaho.” (1 Abakorinto 15:25, 26) Iyo ni imvo ikomeye ikwiye gutuma dusenga dusaba ko Ubwami bw’Imana bwoza maze ivyo Imana igomba bigakorwa kw’isi. *

Nk’uko Yobu yari abizi neza, Imana iripfuza kuzura abapfuye. Uwo musi niwashika, urupfu ruzoba rukuweho vy’ukuri. Nta wuzosubira kwibaza ati: ‘Urupfu rwoba ari iherezo rya vyose?’

^ par. 8 Mu kigiriki, ijambo ryakoreshwa mu kuvuga “itongo ry’abapfuye” ryasobanura ngo “ahantu ho gusinzirira.”

^ par. 18 Wipfuza kumenya n’ibindi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana, raba ikigabane ca 8 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.