Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ABASOMYI BACU BARABAZA . . .

Kubera iki Imana ireka abafise ububasha bagahahaza abantu batobato?

Kubera iki Imana ireka abafise ububasha bagahahaza abantu batobato?

Bibiliya irimwo inkuru zibabaje z’abantu bakomakomeye bahahaje abantu batobato. Imwe muri izo ni iyerekeye Naboti. * Ahabu, uwabaye umwami wa Isirayeli mu kinjana c’icumi Imbere ya Kristu, yararetse umugore wiwe Yezebeli aricisha Naboti n’abahungu biwe kugira ngo uwo mwami ace yigarurira umurima w’imizabibu wa Naboti. (1 Abami 21:1-16; 2 Abami 9:26) Kubera iki Imana yaretse uwo mwami agakoresha ububasha bwiwe nabi ukuraho?

‘Imana ntishobora kubesha.’Tito 1:2

Reka turimbure imvo imwe ihambaye: Imana ntishobora kubesha. (Tito 1:2) Uti none ivyo bihuriye hehe n’ibikorwa bibi vy’agahahazo? Urabona, mu ntango Imana yaraburiye abantu yuko baramutse bayigararije vyobakwegeye akarambaraye, ni ukuvuga urupfu. Iryo Imana yavuze ryaratashe kubera ko urupfu rwaje mu bantu kuva bagararije Imana muri wa murima wa Edeni. Kanatsinda, umuntu yatanguye gupfa yishwe ku karenganyo, na we akaba ari Abeli yagandaguwe na mwene wabo Kayini.Itanguriro 2:16, 17; 4:8.

Ku bijanye n’ivyaranze kahise k’abantu kuva ico gihe, Ijambo ry’Imana rivuga muri make riti: “Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.” (Umusiguzi 8:9) Ayo majambo yoba avuga ukuri? Yehova Imana yaraburiye abasavyi biwe, ari bo Bisirayeli, yuko abami babo bobahahaje bigatuma bamuborogera. (1 Samweli 8:11-18) Eka na wa Mwami Salomo w’inkerebutsi yarakoresheje abanyagihugu biwe ibikorwa birenze urugero. (1 Abami 11:43; 12:3, 4) Ariko abami b’ababisha nka Ahabu bobo ntibacinyije abanyagihugu ngo basigaze. Zirikana rero: Iyo Imana ibuza ko abo bami bose bahohotera abo batwara, wumva itari kuba iriko irerekana ko ivyo yari yaravuze ari ikinyoma?

“Umuntu yaganje uwundi mu kumugirira nabi.”Umusiguzi 8:9

Vyongeye, Shetani yavuze ko abantu bakorera Imana kubera gusa inyungu bahakura. (Yobu 1:9, 10; 2:4) Hamwe Imana yokingira abasavyi bayo bose ubwoko bwose bw’intwaro y’agahotoro, wumva bitohava bishigikira ivyo Shetani avuga? Vyongeye, hamwe Imana yokingira abantu bose ubwoko bwose bw’agahahazo, yoba iriko irashigikira ikinyoma gikomeye kuruta ico. Ibakingiye gutyo, abantu benshi boshobora kwiyumvira yuko bashobora kwiyobora batisunga Imana kandi bakaroranirwa. Ariko Ijambo ry’Imana ryoryo rivuga yuko abantu badashobora na gato kwiyobora. (Yeremiya 10:23) Turakeneye ko Ubwami bw’Imana buza, kuko ari bwo bwonyene buzokuraho akarenganyo.

Vyoba none bishaka kuvuga ko Imana ata na kimwe ikora ku bijanye n’agahahazo? Habe namba. Rimbura ibintu bibiri ikora: Ubwa mbere, irashira ahabona agacinyizo. Nk’akarorero, Ijambo ryayo rirerekana ido n’ido wa mugambi mubi wa Yezebeli wo kugirira nabi Naboti. Vyongeye, Bibiliya irerekana yuko ububisha nk’ubwo buturuka ku kosho k’umutware akomeye cane arondera guhisha akaranga kiwe. (Yohani 14:30; 2 Abakorinto 11:14) Bibiliya yerekana ko uwo mutware ari Shetani wa Mubesheranyi. Kuba Imana ishira ahabona ububisha n’agahahazo be n’uwo bikomokako, biradufasha kwirinda gukora ivy’ububisha. Gutyo iba idukingiye kugira tuzokwibereho ibihe bidahera.

Ubwa kabiri, Imana iraduha icizigiro ntakekeranywa c’uko izokuraho agahahazo. Kuba yarashize ahabona ububisha bwa Ahabu na Yezebeli, ikabacira urubanza ikongera ikabahana, bo hamwe n’abandi bantu benshi bari bameze nka bo, biradukura amazinda yuko umusi uri izina izokuraho ababisha bose nk’uko yabisezeranye. (Zaburi 52:1-5) Imana isezerana kandi yuko vuba izokuraho ingaruka z’ububisha ku bw’abayikunda. * Wa mwizigirwa Naboti n’abahungu biwe bazobaho ibihe bidahera kw’isi y’iparadizo, igihe akarenganyo kazoba katakiriho.Zaburi 37:34.

^ ing. 3 Raba ikiganiro kivuga ngo “Niwigane ukwizera kwabo” kiri muri iki kinyamakuru.