UMUNARA W’INDERETSI Myandagaro 2014 | Imana yoba ikwitwararika?

Nimba Imana ikwitaho, ivyerekana gute?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana yoba ikwitaho?

Imana Mushoboravyose yoba ikwitaho vy’ukuri?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana iguhozako ijisho

Kubera iki yitwa “Imana ibona”?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana iragutahura

Igihe Imana isuzuma umutima wawe, ntibona gusa utunenge twawe.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana iraguhoza

Ni ibiki ukwiye kumenya igihe woba ubona ko ibikugoye bisa n’uko ata co bivuze ubigereranije n’ingorane zikomeye zishikira abantu amamiliyaridi bari kw’isi?

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Imana irarondera kukwiyegereza

Ni igiki ukwiye kumenya igihe woba wemera Imana mugabo ukaba utiyumvamwo ko uri hafi yayo?

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA

Nashaka kurwanya akarenganyo n’ubugizi bwa nabi

Antoine Touma yari umuhinga mu vyo kurwana akoresheje ubuhinga bwa kung fu, ariko icanditswe co muri 1 Timoteyo 4:8 caratumye ahinduka.

NIWIGANE UKWIZERA KWABO

“Ndabinginze mwumvirize iyi ndoto”

Inkuru y’umuryango Yozefu yakuriyemwo warimwo ingorane, iratanga icigwa gihambaye ku miryango irimwo abana badasangiye abavyeyi canke basangiye umuvyeyi umwe gusa.

IBIBAZO VY'ABASOMYI

Ni nde yaremye Imana?

Kwemera ko Imana yamyeho coba ari ikintu kitumvikana?

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya

Vyoba bishoboka ko amadini amwamwe yoba adashimwa n’Imana y’ukuri?

Ibindi usanga kuri internet

Imana yoba ari inguvu itagira ubwenge?

Bibiliya ivuga yuko Imana yaremye ibintu vyose, mugabo yoba itubabara?