Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Amadini yose yoba ashimwa n’Imana?
Nimba wumviriza amakuru yo hirya no hino kw’isi, ushobora kuba umaze kubona ko rimwe na rimwe abantu bakora amabi bitwaje idini. Amadini yose ntashimwa n’Imana y’ukuri. (Matayo 7:15) Kukaba nkako, abantu benshi barazimiye.
Naho ari ukwo, Imana irabona abantu b’umutima utagira uburyarya bakunda ukuri n’iciza. (Yohani 4:23) Imana iriko iratera akamo abantu mwene abo ngo bige ukuri kwo mw’Ijambo ryayo Bibiliya.
None ushobora gute kumenya idini ry’ukuri?
Yehova Imana ariko aratuma abantu bavuye mu madini atandukanye bunga ubumwe mu kubigisha ukuri no gukundana. (Mika 4:2, 3) Ku bw’ivyo, abari mw’idini ry’ukuri urashobora kubamenyera ku kuntu bitwararikana.
Yehova Imana ariko aratuma abantu b’ubwoko bwose bunga ubumwe biciye ku gusenga kw’ukuri.
Abasenga Imana mu buryo yemera bashingira ukwizera kwabo kuri Bibiliya kandi bakabaho bayisunga. (2 Timoteyo 3:16) Vyongeye, baratera iteka izina ry’Imana. (Zaburi 83:18) Ikindi kandi, barigisha abandi ko Ubwami bw’Imana ari bwo bwonyene abantu bakwiye kwizigira. (Daniyeli 2:44) Cokimwe na Yezu, barareka ‘umuco ukaka’ mu gukorera abandi ivyiza. (Matayo 5:16) Abakirisu b’ukuri bashobora rero kumenyekanira ku kuntu bitaho abandi mu kubagendera kugira bababwire inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana.