Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | URASHOBORA KUBA UMUGENZI W’IMANA

Woba uzi izina ry’Imana? Woba urikoresha?

Woba uzi izina ry’Imana? Woba urikoresha?

Hoba hari umwe mu bagenzi bawe somambike utazi uko yitwa? Ivyo ntibishoboka. Ntibitangaje rero kubona umugore umwe wo muri Bilgariya yitwa Irina yaravuze ati: “Ntibishoboka ko umuntu aba umugenzi somambike w’Imana atazi izina ryayo.” Nk’uko twabibonye mu kiganiro ca mbere, Imana yipfuza ko uyiyegereza. Biciye kuri Bibiliya, Imana irakwidondora iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”Yesaya 42:8.

Biciye kuri Bibiliya, Imana irakwidondora iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”Yesaya 42:8

Kumenya izina ry’Imana no kurikoresha hoba hari ico biyibwiye? Zirikana iki kintu: Mu gisomwa co mu ntango c’Ivyanditswe vy’igiheburayo (ibikunze kwitwa Isezerano rya kera), izina ry’Imana riboneka incuro hafi 7.000. Ryanditswe hakoreshejwe indome zine zitavuga. Ni ryo riboneka kenshi muri Bibiliya gusumba ayandi mazina yose. Ico ni icerekana ko Imana yipfuza ko tumenya izina ryayo tukongera tukarikoresha. *

Ubugenzi butangurira ku kumenyana amazina. Woba uzi izina ry’Imana?

Mugabo hari abokwiyumvira yuko gukoresha izina ry’Imana ari ukutayubaha, narirya ari nyeranda ikaba na Mushoboravyose. Ni ivy’ukuri yuko tutokoresha izina ry’Imana uko twishakiye, nk’uko nyene tudapfa uko dukoresheje izina ry’umugenzi somambike. Ariko rero, Imana yipfuza ko abayikunda batera iteka izina ryayo bakongera bakarimenyekanisha. (Zaburi 69:30, 31; 96:2, 8) Niwibuke ko Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga bati: “Dawe wa twese uri mw’ijuru, izina ryawe niryezwe.” Turashobora gutuma izina ry’Imana ryezwa mu kurimenyekanisha. Ivyo birakomeza ubugenzi dufitaniye na yo.Matayo 6:9.

Bibiliya irerekana ko Imana yitwararika bimwe bidasanzwe ‘abiyumvira izina ryayo’ bakariha agaciro. (Malaki 3:16) Ku bijanye n’abantu nk’abo, Yehova avuga ati: “Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje. Azonyambaza, nanje ndamwishure. Nzobana na we mu marushwa.” (Zaburi 91:14, 15) Kumenya izina ry’Imana no kurikoresha birahambaye nimba twipfuza kuba abagenzi bayo.

^ par. 4 Naho izina ry’Imana riboneka cane mu Vyanditswe vy’igiheburayo, birababaje kubona amabibiliya menshi yararikuyemwo arisubiriza amazina y’icubahiro nk’ “Uhoraho” canke “Umukama.” Ushaka kumenya n’ibindi kuri ivyo, raba urupapuro rwa 195-197 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.