Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Umuhero woba uri hafi?

Umuhero woba uri hafi?

Imana yoba izoreka abantu ngo babandanye gutegeka bagenzi babo no kubangamira kazoza ka kiremwa muntu? Oya. Nk’uko twabibonye, Imana izogira ico ikoze ikize abantu amagorwa n’agahahazo bamazemwo ibinjana n’ibindi. Uwaremye isi n’abantu yipfuza ko umenya yuko igihe c’uko akora ivyo bintu cegereje. None adufasha gute kumenya ico kintu gihambaye?

Iyumvire aka karorero: Igihe umuntu afashe urugendo n’imodoka agiye ahantu atazi, yoshobora kubaza abantu, akaraba kw’ikarata canke ku vyapa biri ku nzira. Igihe rero abonye ibimenyetso n’ivyapa bihuye na bimwe bamurangira canke yasomye kw’ikarata, aca yizigira yuko agira ashike aho agiye. Muri ubwo buryo nyene, Imana yaraduhaye Ijambo ryayo, rino rikaba ryari ryaravuze ibintu bikomeye vyobaye kw’isi yose. Igihe rero tubonye ivyo bintu biriko biraranguka, duca duhera amazinda yuko twegereje umuhero.

Bibiliya yari yaravuze yuko isi yoshitse mu kiringo kidasanzwe kandi gihambaye codushikanye ku muhero. Ico kiringo coranzwe n’ibintu vyinshi vyobaye kw’isi yose bitandukanye n’ivyigeze kubaho muri kahise kose k’abantu. Raba bimwebimwe mu vyo Ijambo ry’Imana rivuga.

1. AMAHINDUKA AKOMEYE KW’ISI YOSE. Muri Matayo ikigabane ca 24 hari haravuze ikimenyetso kigizwe n’ibintu vyinshi vyobaye kw’isi. Ico kimenyetso cokwerekanye ko tugeze mu kiringo c’“insozero y’ivy’isi,” hanyuma “iherezo ri[ga]ca riza.” (Umurongo wa 3 n’uwa 14) Bimwe mu vyoranze ico kiringo ni intambara zikomakomeye, amapfa, vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi, ukwongerekana kw’ubugarariji, ukudakundana be n’indongozi z’amadini zikoresha amayeri mu kuzimiza abantu. (Umurongo wa 6-26) Ni ivy’ukuri ko ku rugero runaka ivyo bintu vyagiye biraba mu binjana vyaheze. Ariko rero uko umuhero wobaye uriko uregereza, ivyo bintu vyose vyobaye mu kiringo kimwe kidurumbanye. Hobaye kandi n’ibindi bitatu.

2. INYIFATO Y’ABANTU. Bibiliya ivuga ko “imisi ya nyuma,” ni ukuvuga imisi yodushikanye ku muhero, yoranzwe n’ugutituka gukomeye kw’inyifato y’abantu. Dusoma duti: “Abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, abarogosi, abagambararira abavyeyi, intashima, ibihemu, batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” (2 Timoteyo 3:1-4) Ni ivy’ukuri ko izo nyifato zamyeho mu bantu. Ariko rero mu “misi ya nyuma” zorengeje urugero ku buryo iyo misi yokwiswe “ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” Woba umaze kubona ingene izo nyifato zigayitse zirushiriza kwibonekeza mu bantu muri iki gihe?

3. UKWONONEKARA KW’ISI. Bibiliya ivuga yuko Imana “[izo]honya abahonya isi.” (Ivyahishuwe 11:18) Abantu bariko bahonya isi gute? Mu gihe ca Nowa na ho nyene isi yari yarononekaye. Bibiliya ivuga iti: “Isi irononekara mu maso y’Imana y’ukuri, kandi isi yuzura ubukazi. Imana rero yitegereza isi, isanga yari yononekaye.” Ku bijanye n’abantu bari barononekaye, Imana yaciye ivuga iti: ‘Ehe ngira ndabahonye.’ (Itanguriro 6:11-13) Woba umaze kubona ingene ubukozi bw’ikibi busigaye bwabaye ndanse? Ubu abantu bageze kure mu gukora ikibi: Barashobora kwonona isi mu kuzimanganya abantu bose narirya bafise ibirwanisho ruhonyanganda. Isi kandi iriko irahonywa mu bundi buryo. Ibituma ubuzima bushoboka kw’isi, nk’impemu duhema, ibikoko, ibimera n’ibiyaga, biguma vyononekara kubera abantu babifata nabi.

Niwibaze uti: ‘Ubwo mu binjana vyahera, abantu boba bari bafise ubushobozi bwo guhonya isi babako n’ibiyiriko vyose?’ Ariko ubu abantu barafise ubwo bushobozi. Bararundanya ibirwanisho ruhonyanganda bakongera bagahonya ibidukikije. Iterambere rinyaruka ry’ubuhinga bwa none risa n’iririko rirarengera ubushobozi abantu bafise bwo gutahura canke gukinga ingaruka ubwo buhinga bwoteza. Ariko rero, kazoza k’isi yacu ntigahagaze ku bantu. Imana ntizoreka ngo ubuzima bwose buzimanganywe kw’isi, ahubwo izoca ihaguruka kugira ihonye abahonya isi. Ico ni co idusezeranira.

4. IGIKORWA CO KWAMAMAZA KW’ISI YOSE. Ikindi kintu kiri mu bigize ca kimenyetso c’uko umuhero uri hafi ni igikorwa coranguwe ku rugero rutari bwigere rushikwako. Bibiliya ivuga iti: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) Iryo sekeza ryo kwamamaza inkuru nziza riratandukanye n’ivy’ukuvuga ubutumwa vyagizwe n’amadini menshi mu binjana n’ibindi. Mu misi ya nyuma, “inkuru nziza y’ubwami” ni bwo butumwa bwoshimitsweko. Woba uzi idini rishimika kuri ubwo butumwa budasanzwe? Nimba hari abo uzi bamamaza ubutumwa busa n’ubwo, boba babwamamaza aho iwanyu gusa canke babwamamaza “mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose”?

Ubwami bw’Imana buriko buramamazwa kw’isi yose mu ndimi amajana

Umuhora wa internet www.ps8318.com urashimika kuri iyo “nkuru nziza y’ubwami.” Kuri uwo muhora urahasanga ibitabu bisigura iyo nkuru nziza mu ndimi zirenga 700. Hoba hari ikindi kintu uzi abantu bakoze kugira bamamaze iyo nkuru nziza y’Ubwami kw’isi yose ku rugero nk’urwo? Kera ubuhinga bwa internet butaraza, Ivyabona vya Yehova bari bazwi ko bagira utwigoro kugira bamamaze inkuru nziza yerekeye Ubwami bw’Imana. Kuva mu 1939, igipfukisho c’ikinyamakuru Umunara w’Inderetsi kiriko amajambo avuga ngo “Utangaza Ubwami bwa Yehova.” Igitabu kimwe kivuga ivy’amadini cavuze yuko igikorwa co kwamamaza Ivyabona vya Yehova bakora “ata co cogereranywa uravye inguvu bagishiramwo n’ukuntu bakirangurira mu turere twinshi.” Ico gikorwa gishimika ku nkuru nziza ivuga yuko vuba ‘umuhero ugiye kuza’ biciye ku Bwami bw’Imana.

IGIHE KIDASANZWE KUVA ISI YABAHO

Muri iki kiganiro, twabonye ibintu bine mu vyo Bibiliya yari yaravuze ko vyobaye. Ivyo bintu vyose woba umaze kuvyibonera? Haraheze imyaka irenga ijana iki kinyamakuru kironsa abasomyi baco amakuru yerekeye ibiba kw’isi kugira kibafashe kwibonera ko twegereje umuhero. Ego ni ko, hariho abatavyemera bakavuga ko amakuru be n’ibitigiri bishikirizwa bishingiye ku vyiyumviro vy’abantu gusa kandi ko abantu bashobora kubikoresha uko bishakiye. Bavuga kandi yuko iterambere mu vyo guhanahana amakuru rituma abantu babona umengo ivyo mw’isi bitera bimera nabi. Ariko rero, hariho ibimenyamenya birushiriza kwongerekana vyerekana ko tugeze ku nsozero y’ikiringo kidasanzwe abantu batari bwigere babona.

Abahinga bamwebamwe babona ko himirije amahinduka akomeye kw’isi. Nk’akarorero, mu 2014, abahinga mu vya siyansi no mu vy’umutekano bahagarikiye ikinyamakuru kimwe, barabwiye Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano ko hariho ibintu bikomeye bigeramiye ubuzima bwa kiremwa muntu. Abo banyasiyansi bavuze bati: “Tumaze kwihweza neza ivyo bintu bigeramiye ubuzima, twasanze bishoboka cane ko ubuhinga bwa none bukwega ibara, bigatuma ubuzima bwa kiremwa muntu buhakwa kuzimangana.” Abantu benshi bariko bararushiriza gutahura yuko tugeze mu gihe kidasanzwe kuva isi yabaho. Abasohora iki kinyamakuru be n’abasomyi baco benshi, baremera badakeka yuko ikiringo kidasanzwe turimwo ari imisi y’iherezo vy’ukuri kandi ko umuhero uri hafi. Aho gutinya kazoza, wari ukwiye nyabuna kukarindirana igishika. Uti kubera iki? Kubera ko ushobora kurokoka umuhero!