Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushavuriye Imana?

Woba ushavuriye Imana?

“NACUMUYE iki ku Mana? Kubera iki yaretse ibi bintu bikanshikira?” Ivyo bibazo ni vyo vyari bitesheje umutwe umusore w’imyaka 24 yitwa Sidnei wo muri Brezile. Yaragize isanganya rituma amugara ku buryo ataba akiva mu gakinga k’abamugaye.

Imibabaro ishikira abantu bivuye kw’isanganya, indwara, kubura uwabo, icago c’icaduka canke intambara irashobora gutuma bashavurira Imana. Ivyo si bishasha. Wa mugabo wa kera Yobu yarashikiwe n’ivyago vyaza birakurakuranwa. Yarihenze yagiriza Imana ati: “Ndagutabaza, ariko ntunyishura; nagumye mpagaze, kugira ngo unzirikane. Uriyoberanya kugira ube ruburakigongwe kuri jewe; umbikira akazikira ukoresheje inguvu zose z’ukuboko kwawe.”Yobu 30:20, 21.

Yobu ntiyari azi aho ivyago vyiwe biva kandi ntiyari azi n’igituma vyamushikira. Tweho Bibiliya iratwereka igituma ivyo bintu bishika n’ingene twovyifatamwo.

IMANA YOBA ITEGURIRA ABANTU IVYAGO?

Bibiliya ivuga ku vyerekeye Imana iti: “Igikorwa ciwe ntikigira akanenge, kuko inzira ziwe zose ari ubutungane. Ni Imana y’ubwizigirwa, itagira akarenganyo; ni we agororotse kandi atunganye.” (Gusubira mu vyagezwe 32:4) None ko ari ukwo biri, wumva vyoba vyumvikana ko Imana ‘igororotse kandi itunganye’ yotegurira abantu ivyago canke yokoresha ivyago kugira ibahane canke ibakosore?

Igihushanye n’ivyo Bibiliya itubwira iti: “Iyo umuntu ari mu kigeragezo, ntavuge ngo: ‘Ndiko ngeragezwa n’Imana.’ Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.” (Yakobo 1:13) Bibiliya itubwira ko igihe Imana yarema abantu ata ngorane n’imwe bari bafise. Yarahaye Adamu na Eva ahantu heza cane ho kuba, ibintu vyose bari bakeneye mu buzima be n’igikorwa kibahimbara. Yababwiye iti: “Nimurondoke, mugwire, mwuzure isi kandi muyigabe.” Nta gukeka ko Adamu na Eva ata mvo n’imwe bari bafise yo gushavurira Imana.Itanguriro 1:28.

Mugabo muri kino gihe ingorane ni nyinshi. Nkako, kuva kera na rindi abantu bamye bashikirwa n’amarushwa. Emwe aya majambo yo muri Bibiliya ni ay’ukuri. Agira ati: “Ivyaremwe vyose biguma binihira hamwe kandi bikababarira hamwe gushika n’ubu.” (Abaroma 8:22) None habaye iki?

KUBERA IKI DUSHIKIRWA N’IVYAGO?

Kugira dutahure igituma dushikirwa n’ivyago, vyoba vyiza turavye ingene vyatanguye. Umumarayika w’umugarariji yahavuye yitwa Shetani yarahenze Adamu na Eva bituma batera akagere amategeko y’Imana yabereka iciza n’ikibi. Imana yari yababujije kurya ku “giti c’ubumenyi bw’iciza n’ikibi.” Shetani yabwiye Eva ko bagambarariye Imana batopfuye, aho rero akaba yari yerekanye ko Imana ari umubeshi. Shetani kandi yaragirije Imana ko yima abo itwara uburenganzira bwo kwimenyera iciza n’ikibi. (Itanguriro 2:17; 3:1-6) Shetani yashatse kwerekana ko abantu bomererwa neza badategekwa n’Imana. Ivyo vyose vyaravyuye iki kibazo gihambaye cane: Imana yoba ari yo ikwiye gutegeka?

Shetani yaravyuye ikindi kibazo. Yaragirije abantu ko bakorera Imana kubera ubwikunzi. Ku bijanye na wa mwizigirwa Yobu, Shetani yabwiye Imana ati: “Ubwawe ntiwamukikuje uruzitiro, ukarukikuza n’inzu yiwe be n’ibintu vyose afise, hirya no hino? . . . Mugabo kugira bihinduke, ndakwinginze utume ukuboko kwawe, ukore ku bintu vyose afise urabe ko atakuvuma amaso mu yandi.” (Yobu 1:10, 11) Naho ng’aho Shetani yariko avuga Yobu, yashaka kwerekana ko abantu bose bakorera Imana kubera ivyo baharonkera.

INGENE IMANA IRIKO IRABITORERA UMUTI

None uburyo bwiza bwo gutorera umuti rimwe rizima ivyo bibazo ni ubuhe? Imana yo ifise ubwenge bwose, yarabonye uburyo bwiza kuruta ubundi bwose yokoresha kandi ubwo buryo burumvikana. (Abaroma 11:33) Yahisemwo kureka abantu ngo bamare igihe bitegeka ivyo bikaba vyokwerekanye uwutegeka neza uwo ari we.

Amarushwa ari kw’isi muri iki gihe arerekana neza ko ubutegetsi bw’abantu bwananiwe bimwe bibabaje. Uretse ko intwaro zananiwe no kuzanira abantu amahoro, umutekano n’agahimbare, zashikanye isi aho umwansi ashaka. Ivyo birerekana ko aya majambo avugwa muri Bibiliya ari ay’ukuri. Agira ati: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Ubutegetsi bw’Imana bwonyene ni bwo bushobora gutuma abantu baronka amahoro arama, agahimbare n’ugusagamba, kuko ari wo mugambi w’Imana.Yesaya 45:18.

None Imana izoshitsa gute umugambi ifitiye abantu? Niwibuke ko Yezu yigishije abayoboke biwe gusenga basaba bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ukugomba kwawe nigukorwe kw’isi nko mw’ijuru.” (Matayo 6:10) Igihe nicagera, Imana ikoresheje Ubwami bwayo izokuraho ibintu vyose bitera umubabaro. (Daniyeli 2:44) Ubukene, indwara n’urupfu bizoba vyarangiye. Ku bijanye n’abakene Bibiliya yerekana ko Imana “[i]zorokora umworo atabaza.” (Zaburi 72:12-14) Ku bijanye n’abarwayi na ho Bibiliya isezerana iti: “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Mbere no ku vyerekeye abapfuye Imana yibuka, Yezu yavuze ati: “Isaha igira igere, aho abari mu mva bose bazokwumva ijwi ryiwe bakazivamwo.” (Yohani 5:28, 29) Ese ingene iyo mihango yeza umutima!

Kwizera ivyo Imana yadusezeraniye biradufasha gutsinda agatima ako ari ko kose kotuma tuyishavurira

NTUSHAVURIRE IMANA

Haraciye imyaka nka 17 Sidnei umwe twavuga mu ntango z’iki kiganiro agize isanganya. Yavuze ati: “Sinigeze nagiriza Yehova Imana ko ari we yatumye ngira isanganya, ariko mvugishije ukuri mu ntango naramushavurira. Rimwe na rimwe ndumva ncitse intege cane, kandi iyo nibutse ubumuga mfise nca nkorora amosozi. Ariko Bibiliya yaramfashije gutahura ko iryo sanganya nagize atari igihano c’Imana. Nk’uko ibivuga, ‘ibihe be n’ibishika giturumbuka bidushikako twese.’ Gusenga Yehova no gusoma imirongo imwimwe yo muri Bibiliya vyarakomeje ukwizera kwanje vyongera birandemesha.”Umusiguzi 9:11; Zaburi 145:18; 2 Abakorinto 4:8, 9, 16.

Kwibuka igituma Imana ireka ivyago bigashika n’ingene ingaruka zavyo zigiye gukurwaho, biradufasha gutsinda agatima ako ari ko kose kotuma dushavurira Imana. Bibiliya idukura amazinda ko Imana “ihemba abayironderana ubwira.” Nta muntu n’umwe yizera Imana n’Umwana wayo azotaha zirayoye.Abaheburayo 11:6; Abaroma 10:11.