Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri bibiliya

Twoba dushobora kumenya ukuri kwerekeye Imana?

Kubera iki Imana yipfuza ko tumenya ukuri? soma Yohani 17:3

Imana iramenyesha abantu amakuru. Yarakoresheje impwemu yayo nyeranda, ari zo nguvu zayo, kugira ngo ishire ivyiyumviro vyayo mu mitima y’abanditse Bibiliya. (2 Petero 1:20, 21) Turashobora kumenya ukuri kwerekeye Imana dusomye Bibiliya.Soma Yohani 17:17; 2 Timoteyo 3:16.

Muri Bibiliya Imana irahishura ibintu vyinshi biyerekeye. Iratubwira igituma yaremye abantu, ico izobakorera be n’ingene yipfuza ko tubaho. (Ivyakozwe 17:24-27) Yehova Imana yipfuza ko tumenya ukuri ku bimwerekeye.Soma 1 Timoteyo 2:3, 4.

Kubera iki Imana ikunda abakunda ukuri?

Yehova ni Imana y’ukuri, kandi yararungitse Umwana wiwe Yezu kugira ngo yigishe abantu ukuri. Ni co gituma abakunda ukuri baza kuri Yezu. (Yohani 18:37) Imana yipfuza ko abantu nk’abo baba abasavyi bayo.Soma Yohani 4:23, 24.

Shetani yarakwiragije inyigisho z’ikinyoma ku vyerekeye Imana kugira abantu ntibamenye ukuri kuyerekeye. (2 Abakorinto 4:3, 4) Abantu badakunda ukuri baremera izo nyigisho z’ikinyoma. (Abaroma 1:25) Mugabo abantu amamiliyoni bafise umutima nziraburyarya bariko baramenya ukuri kwerekeye Imana mu kwiga Bibiliya.Soma Ivyakozwe 17:11.