Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?

Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?

IKIGABANE CA 25

Notsinda gute ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ndi jenyene?

“Natanguye iyo ngeso mfise imyaka umunani. Nahavuye menya ukuntu Imana iyibona. Igihe cose ndabigize narumva niyanse. Naribaza nti: ‘Imana yokunda gute umuntu nkanje?’ ”—Luiz.

IGIHE utanguye ubuyabaga, inambu y’umubiri irashobora gukomera rwose. Ivyo vyoshobora gutuma ugira ingeso yo kwimara inambu y’umubiri uri wenyene. * Abenshi bovuga ko ata co bitwaye, bakavuga bati: “Nta we mba ngiriye nabi.” Ariko rero, hariho imvo yumvikana yotuma wirinda iyo ngeso. Intumwa Paulo yanditse ati: ‘Nimwice rero ibihimba vy’umubiri wanyu ku bijanye n’inambu y’umubiri.’ (Abakolosayi 3:5) Iyo ngeso ntiyica inambu y’umubiri, ahubwo irayongereza. N’ikindi kandi, rimbura ibi bikurikira:

● Biratuma umuntu aba umwikunzi ruhebwa. Nk’akarorero, igihe umuntu ariko arimara inambu y’umubiri ari wenyene nta kindi yiyumvira atari ukuryoherwa kw’umubiri wiwe.

● Biratuma umuntu abona abo badasangiye igitsina nk’ibikoresho gusa vyo kwimarirako inambu.

● Agatima iyo ngeso ivyura mu muntu ko kwiyumvira ivyiwe gusa karashobora gutuma bigorana gushika ku mabanga y’abubatse amara akanyota mu mubano w’abubatse.

Igihe inambu y’umubiri ivyutse, aho guca uja muri iyo ngeso urondera kuyitururuza, niwihatire gutsimbataza ukwigumya. (1 Abatesalonika 4:4, 5) Kugira ngo Bibiliya igufashe kubishikako, igusaba kwirinda ibintu vyohava bituma inambu y’umubiri ivyuka. (Imigani 5:8, 9) Ariko none tuvuge iki nka hamwe woba wariziziwe n’iyo ngeso? Ushobora kuba waragerageje kuyiheba bikanka. Biroroshe guca ubona yuko kabaye utakivayo, ko udashobora kubaho wisunga ingingo ngenderwako z’Imana. Ukwo ni ko umuhungu yitwa Pedro yabona ivyiwe. Avuga ati: “Igihe naba nsubiye kubigira, narumva niyanse. Nabona ko ntokwigeze mbabarirwa ivyo naba nakoze. Vyarangora gutura isengesho.”

Nimba nawe wiyumva gutyo, ntiwihebure. Ntikabaye. Abakiri bato benshi, be n’abakuze, baratsinze iyo ngeso. Na wewe urashobora kuyitsinda!

Ingene wotsinda ukwiyagiriza

Nk’uko twabibonye, abafise ingeso yo kwimara inambu y’umubiri ari bonyene akenshi bariyagiriza cane. Ni ivy’ukuri yuko “ukubabara . . . guhuye n’ukugomba kw’Imana” gushobora kuguha inguvu zo gutsinda iyo ngeso. (2 Abakorinto 7:11) Mugabo kwiyagiriza birenze birashobora kuvamwo igihushane. Birashobora gutuma wumva ucitse intege cane gushika n’aho ushaka gutana n’akabando.—Imigani 24:10.

Niwihatire rero kubona ibintu mu buryo bwiza. Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene ni ubwoko bw’ubuhumane. Birashobora kukugira ‘umuja w’ivyipfuzo n’ibinezereza bitari bimwe,’ bikanatuma ubona ibintu mu buryo butari bwo. (Tito 3:3) Ariko kandi, kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene si ubwoko bukomeye bw’ubuhumbu nk’ubusambanyi. (Yuda 7) Nimba ufise iyo ngorane, ntuce wiyumvira ko wakoze igicumuro kitababarirwa. Igihambaye ni ukunanira icipfuzo co kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, ntiwigere uta hasi muri urwo rugamba!

Biroroshe kuvunika umutima bishitse ugasubira kubigira. Igihe bishitse, niwibuke amajambo ari mu Migani 24:16 agira ati: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka; mugabo ababisha bazotsitazwa n’ivyago.” Gaciyemwo ugasubira gukora ico kintu ntibica bituma uba umubisha. Ntutane n’akabando rero. Ahubwo nusuzume ivyatumye ubisubira, maze uvyirinde.

Fata akanya uzirikane ku rukundo rw’Imana no ku mbabazi zayo. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi, uwo vyari vyarashitse akagira ubugoyagoye, yavuze ati: “Nk’uko se w’abana agirira imbabazi abana biwe, ni ko Yehova yagiriye imbabazi abamutinya. Kuko ubwiwe azi neza ingene tubumbwe, akibuka ko turi umukungugu.” (Zaburi 103:13, 14) Ego cane, Yehova ntiyirengagiza ko turi abanyagasembwa, kandi ‘yiteguriye kutubabarira.’ (Zaburi 86:5) Ariko rero, ashaka ko twigora tukagira ico duhinduye. None ni intambwe ziboneka izihe wotera kugira utsinde iyo ngeso?

Suzuma ingene wisamaza. Woba uraba amasenema, ibiganiro vyo kuri televiziyo canke imihora yo kuri Internet, bikabura inambu y’umubiri? Umwanditsi wa Zaburi yasenze Imana abigiranye ubukerebutsi ati: “Nutume amaso yanje arengana ntabone ibitagira akamaro.” *Zaburi 119:37.

Shira umuzirikanyi wawe ku bindi bintu. Umukirisu umwe yitwa William atanga iyi mpanuro: “Imbere yo kuja kuryama, nusome ikintu kijanye n’ivy’Imana. Birahambaye cane ko iciyumviro gisozera umusi kiba ari ikijanye n’ivy’Imana.”—Abafilipi 4:8.

Raba uwo woyagira iyo ngorane. Vyoshobora kukugora kubiyagira umuntu kubera isoni. Yamara, kubigira birashobora kugufasha gutsinda iyo ngeso. Ukwo ni ko umukirisu umwe yitwa David yabibonye. Avuga ati: “Narayaze na dawe mu mwiherero. Sinzokwigera nibagira ivyo yavuze. Yambwiye amwenyura ati: ‘Urandyoheye cane!’ Yari azi ko nari narwanye urugamba rukomeye kugira ndabimubwire. Emwe, ayo majambo yarandemesheje cane yongera arakomeza umwiyemezo wanje.”

Abandanya ati: “Papa yaciye anyereka ivyanditswe bikeya kugira amfashe kubona ko ntari bwashike kure, aca anyereka n’ibindi nka bingahe kugira yiyemeze neza ko ntahura uburemere bw’iyo ngeso yanje itabereye. Yavuze ko nogerageza kumara igihe nirinda iyo ngeso, maze tukazokwongera kubiganira mu nyuma. Yambwiye ko bishitse nkongera kugwa muri iyo ngeso ntoreka ngo bimvune umutima, ahubwo ko noca nihata nkamara igihe kirekire kuruta ntongeye kubikora.” None David yashitse ku ciyumviro ikihe? Avuga ati: “Kuba mfise uwundi muntu azi ingorane yanje kandi ariko aramfasha, vyarangiriye akamaro kanini cane.” *

MU KIGABANE GIKURIKIRA

Gupfa kwiryamanira si ikintu ata co gitwaye. Raba igituma.

[Utujambo tw’epfo]

^ ing. 4 Kwimara inambu y’umubiri umuntu ari wenyene (masturbation) ntibikwiye kwitiranywa n’ukwiyadukiza kw’inambu y’umubiri. Nk’akarorero, umuhungu yoshobora kwikangura inambu y’umubiri yavyutse canke intanga zigasohoka aryamye mw’ijoro. N’abakobwa bamwebamwe vyoshobora gushika inambu ikavyuka bitabavuyeko, canecane iyo bagira baje mu butinyanka canke bavuyeyo. Iyo ngeso yoyo ni ikintu umuntu agira nkana arondera gukabura inambu y’umubiri.

^ ing. 15 Ushaka ayandi makuru, raba Igitabu ca 2, ikigabane ca 33.

ICANDITSWE NYAMUKURU

“Hunga . . . ivyipfuzo bijana n’ubuto, mugabo ukurikirane ubugororotsi, ukwizera, urukundo, amahoro, uri kumwe n’abambaza Umukama n’umutima udahumanye.”—2 Timoteyo 2:22.

IMPANURO

Nusenge imbere y’uko inambu y’umubiri igukomerana. Saba Yehova Imana aguhe “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira unanire inyosha mbi.—2 Abakorinto 4:7.

WARI UBIZI . . . ?

Umuntu wese agoyagoya arirekerana agatwarwa n’inambu y’umubiri. Ariko umugabo nyawe canke umugore nyawe arigumya n’igihe aba ari wenyene.

ICO NTEGEKANYA GUKORA!

Icomfasha kugumiza umuzirikanyi ku bintu bitanduye ni ․․․․․

Aho kureka ngatwarwa n’inambu y’umubiri, nzokora ibi: ․․․․․

Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri iki kiganiro ni ․․․․․

UVYIBAZAKO IKI?

● Kubera iki bihambaye ko wibuka yuko Yehova ‘yiteguriye kutubabarira’?—Zaburi 86:5.

● Ko Imana, yo yaremye inambu y’umubiri, ivuga kandi ko ukwiye gutsimbataza ukwigumya, yizigiye ko ushoboye gukora iki?

[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 182]

“Kuva aho ntsindiye iyo ngorane, ubu ndafise ijwi ryo mu mutima ryiza imbere ya Yehova, ico kikaba ari ikintu ata kindi nogikaba!”—Sara

[Ifoto ku rup. 180]

Iyo uguye uriko uriruka, ntuca usubira inyuma guhera ku ntango. N’igihe bishitse ugasubira kwimara inambu y’umubiri uri wenyene, ntibica bihanagura iterambere umaze kugira