Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?
IKIGABANE CA 4
Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?
Ni vyo canke si vyo . . .
Igihe cose abakundana bafatanye biba ari bibi, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.
□Ni vyo
□Si vyo
Umuhungu n’umukobwa barashobora kwagirwa n’ubusambanyi naho batoba bahuje ibitsina.
□Ni vyo
□Si vyo
Iyo umusore n’inkumi badasomanye canke ngo bakuyakuyane, ntibaba bakundana vy’ukuri.
□Ni vyo
□Si vyo
NTA gukeka ko umaze kuzirikana kuri ico kintu. Nakare, igihe ukundanye n’umuntu, birashobora kutakworohera kumenya akarimbi utorenga mu bijanye n’ukugaragarizanya igishika. Reka turimbure ivyo vyiyumviro bitatu biri aho haruguru, maze
turabe ingene Ijambo ry’Imana ridufasha kwishura iki kibazo kigira giti: “Ni ryari umuntu aba yarenze akarimbi?”● Igihe cose abakundana bafatanye biba ari bibi, uko ibintu vyoba vyifashe kwose.
Si vyo. Bibiliya ntibuza kugaragarizanya igishika mu buryo bubereye kandi budahumanye. Nk’akarorero, Bibiliya irigana inkuru y’umwigeme w’Umushulamukazi yakundana n’umusore w’umwungere. Imigenderanire yabo ntiyari yanduye. Ariko rero, biboneka ko hari ukuntu bagaragarizanya igishika imbere y’uko babirana. (Indirimbo ya Salomo 1:2; 2:6; 8:5) No muri iki gihe, imisore n’inkumi bategekanya ata gufyina kuzokwubakana na bo nyene boshobora kubona yuko ata kibi kiri mu kugaragarizanya igishika mu buryo butanduye. *
Ariko rero, umusore n’inkumi bakundanye bategerezwa kwiyubara cane. Gusomana, kubumbatirana canke gukora ikindi kintu ico ari co cose gikabura inambu y’umubiri, birashobora gutuma bagwa mu bushegabo. Biroroshe cane ko umusore n’inkumi batwarwa n’inyiyumvo bakagwa mu buhumbu, naho ata ntumbero mbi boba bari bafise.—Abakolosayi 3:5.
● Umuhungu n’umukobwa barashobora kwagirwa n’ubusambanyi naho batoba bahuje ibitsina.
Ni vyo. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “ubusambanyi” (por·neiʹa) rifise insobanuro yagutse. Ridondora ubwoko bwose bwo guhuza ibitsina n’umuntu mutabiranye kandi rishimika ku gukoresha ibitsina mu buryo butabereye. Uretse rero ivyo guhuza ibitsina, ubusambanyi burimwo n’ibindi nk’ugukuyakuya ibihimba
vy’irondoka vy’uwundi muntu, uguhuza umunwa n’ibihimba vy’irondoka canke kubicisha mu kibuno.Vyongeye, Bibiliya ntiyiyamiriza ubusambanyi bwonyene. Intumwa Paulo yanditse ati: “Ibikorwa vy’umubiri biribonekeza, bikaba ari ubusambanyi, ubuhumane, ubushirasoni.” Yongeyeko ati: “Abaza barakora mwene ivyo [ntiba]zotorana ubwami bw’Imana.”—Abagalatiya 5:19-21.
None “ubuhumane” ni iki? Mu kigiriki, iryo jambo risobanura umwanda w’uburyo ubwo ari bwo bwose, haba mu mvugo canke mu bikorwa. Nta gukeka ko kwoba ari uguhumana uretse amaboko yawe akaja mu vyo gukorakora umuntu munsi y’impuzu yambaye, kumwambura impuzu canke kumukuyakuya ibihimba vy’ibanga, nk’amabere. Bibiliya yerekana ko ivyo gukuyakuya amabere ari uburyo bwo kugaragarizanya igishika bwemewe gusa hagati y’abubakanye.—Imigani 5:18, 19.
Hari abakiri bato bahonyanga ingingo ngenderwako z’Imana ata n’udusoni. Bararenga akarimbi n’ibigirankana, canke bakarondera n’umunoho n’akantu abantu batari bake bokorana ibiterasoni. Mwene abo bantu boshobora kwagirwa n’ico intumwa Paulo yise “ubushirasoni.” Ijambo ry’ikigiriki rihindurwa ngo “ubushirasoni” risobanura ‘ibintu vy’agahomerabunwa, ukwimonogoza, akagagazo, inambu y’umubiri idacungerewe.’ Abanyefeso 4:17-19.
Nta gukeka ko utipfuza ‘kuba igiti’ mu kwihereza “ubushirasoni kugira ngo [u]kore n’umunoho n’akantu ubuhumane bw’ubwoko bwose.”—● Iyo umusore n’inkumi badasomanye canke ngo bakuyakuyane, ntibaba bakundana vy’ukuri.
Si vyo. Gusomana canke gukuyakuyana ntibituma ubucuti bukomera nk’uko bamwe bavyiyumvira. Ahubwo nyabuna bene kubigira bituma batubahana canke ngo bizigirane. Rimbura ivyashikiye Laura. Avuga ati: “Igihe kimwe umuhungu twakundana yaraje i muhira mama atari ho ari, yivugisha ngo aje kuraba televiziyo. Yatanguye amfata gusa ukuboko. Ngize gutya, numvise ariko arankorakora n’ahandi. Naratinye kumubwira ngo areke kubera nanka ko yoshavura agaca yigira.”
Uvyibazako iki? Uwo muhungu yoba yarakunda Laura vy’ukuri, canke yariko arondera kwiryohererwa gusa? Ubwo umuntu agerageza kugukwegakwegera mu buhumbu wovuga ko agukunda vy’ukuri?
Igihe umuhungu agobereye umukobwa ngo akore ibiteye kubiri n’inyigisho ya gikirisu yahawe be n’ijwi ryiwe ryo mu mutima, aba arenze itegeko ry’Imana kandi ivyo yivugisha yuko amukunda nta shingiro biba bifise. Bisubiye, umukobwa yirekeranye n’ibigirankana aba yishoye. Ariko rero ikibabaje kuruta, aba akoze ikintu gihumanye, kumbure mbere akaba yakoze ubusambanyi. *—1 Abakorinto 6:9, 10.
Nimwishingire uturimbi dutomoye
Nimba ufise uwo mukundana, mwoshobora gute kwirinda kugaragarizanya igishaka mu buryo butabereye? Uburyo bwiza ni ukwishingira uturimbi dutomoye hakiri kare. Mu Migani 13:10 hagira hati: “Mu baja inama hari ubukerebutsi.” Nimuvugane rero n’uwo mugenzi wawe uburyo bwo kugaragarizanya igishika bubereye. Kurindira inyiyumvo zanyu zimaze kururumba akaba ari ho mwishingira uturimbi bisa no kurindira inzu yawe ikabanza gusha akaba ari ho wibuka gufata ingingo zo kwikingira umuriro.
Ego ni ko, vyoshobora kutaborohera kuyaga ikintu nk’ico c’inkoramutima, canke mbere bikabatera ubuyega, canecane mu ntango y’ukureshanya. Ariko kwishingira uturimbi birashobora kubafasha cane gukinga ingorane zikomeye zokwaduka 1 Abakorinto 7:3, 4.
muri kazoza. Uturimbi twitondewe twogereranywa na twa twuma tuzirana n’umwotsi duca tuvuza urwamo igihe umuriro uba wadutse. Vyongeye, kuyaga kuri ivyo bibazo vyoshobora kubafasha kumenya niba ubucuti bwanyu buzorama. Nkako, ukwigumya, ukwihangana n’ukutikunda ni kamere nyamukuru zituma haba ugushira akanyota mu mabanga y’abubatse.—Ego ni ko, kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana ntivyoroshe. Ariko urashobora kwizigira impanuro Yehova atanga. Nakare, muri Yesaya 48:17, yidondora ko ari “Umwe akwigisha ibikwungura, Umwe agucisha mu nzira ukwiye kugenderamwo.” Yehova nta kindi akwipfuriza atari ineza!
RABA N’AYANDI MAKURU MU GITABU CA 1, IKIGABANE CA 24
Guhitamwo kuguma uri isugi ntibisobanura ko udakomeye. Ahubwo nyabuna ni vyo biranga ubukerebutsi. Niwirabire igituma ari ukwo biri.
[Utujambo tw’epfo]
^ ing. 15 Mu mihingo imwimwe y’isi, kugaragarizanya igishika ku mugaragaro n’umuntu mutubakanye bibonwa ko ari ukubura indero kandi biratera ubuyega. Abakirisu bariyubara ngo ntibigenze mu buryo bushobora gutsitaza abandi.—2 Abakorinto 6:3.
^ ing. 25 Ibivugwa muri iyo ngingo vyerekeye abahungu n’abakobwa.
ICANDITSWE NYAMUKURU
“Urukundo . . . ntirwigenza ukutabereye.”—1 Abakorinto 13:4, 5.
IMPANURO
Nimuze murasohokana muri mu mugwi, canke naho murondere umuherekeza. Nimwirinde ibibanza biteye amakenga, nko kuba muri mu muduga uhagaze canke mu nzu muri mwenyene.
WARI UBIZI . . . ?
Nimba hari uwo mwapfunditse ko muzokwubakana, murakeneye kuyaga ibintu bimwebimwe vy’ibanga. Ariko rero ibiyago vyeruye bigenewe gukabura inambu y’umubiri ni ubwoko bw’ubuhumane, mbere naho vyogirwa mu kuyaga canke mu kwandikirana kuri telefone.
ICO NTEGEKANYA GUKORA!
Kugira nirinde gukinisha ubuhumbu, nokora ibi: ․․․․․
Uwo dukundanye niyampata ngo dukore ibintu bihumanye, nzokora ibi: ․․․․․
Ico noshima kubaza umuvyeyi wanje (abavyeyi banje) kuri ivyo ni ․․․․․
UVYIBAZAKO IKI?
● Ni uturimbi utuhe wokwishingira ku vyerekeye ugukoranako n’uwo mudasangiye igitsina?
● Sigura itandukaniro riri hagati y’ubusambanyi, ubuhumane n’ubushirasoni.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 46]
“Jewe n’uwo twari tureshanije twarasomeye hamwe ibiganiro bishingiye kuri Bibiliya bivuga ivyo kuguma tutanduye. Turakenguruka ukuntu vyadufashije kuguma dufise ijwi ryo mu mutima rityoroye.”—Leticia
[Uruzitiro ku rup. 44]
twokora iki nimba vyarashitse tukarenga akarimbi?
Mwokora iki nimba vyarashitse mugakora ibitabereye? Ntimwihende ngo murashobora gutorera umuti iyo ngorane mwenyene. Umwigeme umwe yiyemerera ati: “Narasenga Imana ngo idufashe ntidusubire kubikora. Rimwe na rimwe vyarakunda, ikindi gihe bikanka.” Ni co gituma wobiyagira abavyeyi bawe. Vyongeye, Bibiliya itanga iyi mpanuro nziza, iti: “[Nu]hamagare abagabo b’inararibonye b’ishengero.” (Yakobo 5:14) Abo bungere bakirisu barashobora kuguhanura no kugukangira kugira ushobore gusubiza hamwe n’Imana.
[Ifoto ku rup. 47]
Woba worindira inzu yawe igasha akaba ari ho ufata ingingo zo kwikingira umuriro? Nturindire rero ko inyiyumvo zibanza kuvyuka ngo abe ari ho wishingira uturimbi mu bijanye n’ukuntu wokwifata