Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICIGWA CA 1

Ibanga duhimbarwa no kumenya

Ibanga duhimbarwa no kumenya

Hoba hari umuntu amaze kukubwira ikintu ariko ntakibwire abandi?— * Ico kintu citwa ibanga kubera ko abandi baba batakizi. Bibiliya iravuga ibijanye n’ibanga ridasanzwe ryitwa “ibanga ryeranda.” Ni ryeranda kuko riva ku Mana. Kandi ryitwa ibanga kubera ko abantu batari barizi. Mbere n’abamarayika baripfuza kumenya vyinshi ku biryerekeye. None urashaka kumenya iryo banga iryo ari ryo?—

Wibaza ko aba bamarayika bashaka kumenya iki?

Kera cane, Imana yararemye umugabo n’umugore ba mbere. Bitwa Adamu na Eva. Imana yarabahaye ahantu heza cane ho kuba hitwa umurima wa Edeni. Iyo Adamu na Eva bagamburukira Imana, bo hamwe n’abana babo bari gutuma isi yose iba Iparadizo ikamera nk’uwo murima wa Edeni. Kandi bari kuba mw’Iparadizo ibihe bidahera. None uribuka ico Adamu na Eva bakoze?—

Adamu na Eva baragambarariye Imana, kandi ni co gituma ubu tutaba mw’Iparadizo. Mugabo Imana yavuze ko izotuma isi yose iba nziza cane, abantu bose bakabaho ibihe bidahera kandi banezerewe. None yobigenjeje gute? Haraciye igihe kirekire abantu batazi ukuntu Imana yobigenjeje. Ryari ibanga.

Igihe Yezu yaza kw’isi, yarigishije abantu ibintu vyinshi ku bijanye n’iryo banga. Yavuze ko ryari ryerekeye Ubwami bw’Imana. Yezu yabwiye abantu gusenga basaba ngo ubwo Bwami buze. Buzotuma isi iba Iparadizo nziza cane.

Uraryohewe no kumenya iryo banga?— Niwibuke ko abagamburukira Yehova ari bo bonyene bazoba mw’Iparadizo. Bibiliya iratubwira inkuru nyinshi z’abagabo n’abagore bagamburukiye Yehova. Urashaka kubamenya?— Reka turabe bamwebamwe muri bo be n’ukuntu twomera nka bo.

^ ing. 3 Muri izi nkuru, uraza kubona akamenyetso nk’aka (—) kaza inyuma y’ibibazo bimwebimwe. Ico kiba ari igihe ciza co guhagarara ukareka umwana wawe akishura.