Ukwizera Nyakuri Kurashobora Gutuma Ubaho Uhimbawe
Aka gatabu karerekana ukuntu abantu bo mu bihugu bitandukanye bashobora kuronka agahimbare mu gukomeza ukwizera kwabo.
Intangamarara
Abantu amamiliyoni bararonse inyishu zimara akanyota z’ibibazo bitesha umutwe.
IGIHIMBA CA 1
Imana yoba itwitaho?
Isi yuzuye ingorane. Nawe ushobora kuba ugira amaganya buri musi. Ni nde yodufasha? Hoba hariho umuntu atwitaho?
IGIHIMBA CA 2
Ukwizera nyakuri ni iki?
Abantu amamiliyoni baremera Imana ariko bagakora ivyo yanka. Rero, ukwizera nyakuri si ukwemera gusa ko Imana iriho.
IGIHIMBA CA 3
Impanuro ngirakamaro zituma ubuzima burushiriza kumera neza
Ivyanditswe vyeranda birimwo impanuro ngirakamaro zogufasha gutorera umuti ingorane zo mu mubano, gucungera ishavu, guheba ibiyayuramutwe, gutsinda ukwinubana gushingiye ku moko, guheba ubukazi n’ibindi.
IGIHIMBA CA 4
Imana ni nde?
Abantu basenga Imana nyinshi, ariko Ivyanditswe vyeranda vyigisha ko hari Imana y’ukuri imwe gusa.
IGIHIMBA CA 5
Nutahure kamere ntangere z’Imana
Ivyanditswe vyeranda birerekana kamere nziza nyinshi z’Imana, ivyo bigatuma turushiriza kuyimenya.
IGIHIMBA CA 6
Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi?
Ivyanditswe vyeranda bivuga ko Imana itaremeye isi “ubusa gusa,” ahubwo ko yayiremye “ngo ibeko abantu.” None yoba yashaka ko tuyibako imeze uku tuyibona ubu?
IGIHIMBA CA 9
Igira kuri Mesiya Indongozi
Imana irazi ukuntu indongozi dukeneye vy’ukuri ikwiye kuba imeze kandi yahisemwo Indongozi nziza ishoboka.
IGIHIMBA CA 11
Kugaragaza ukwizera nyakuri muri iki gihe
Yezu yigishije ko abantu bafise ukwizera nyakuri bokwamye “ivyamwa vyiza,” ni ukuvuga kamere nziza. Zimwezimwe muri izo kamere ni izihe?
IGIHIMBA CA 13
Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma uhimbarwa ibihe bidahera
Ivyanditswe birimwo isezerano ryeza umutima rikuraba.