Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGABANE CA 109

Ashira ku mugaragaro abamurwanya

Ashira ku mugaragaro abamurwanya

MATAYO 22:41–23:24 MARIKO 12:35-40 LUKA 20:41-47

  • KRISTU NI UMWANA WA NDE?

  • YEZU ASHIRA AHABONA UBWIYOROBETSI BW’ABAMURWANYA

Abakuru b’idini barananirwa gucafuza Yezu canke kumutega mu majambo kugira bamushikirize Abaroma. (Luka 20:20) Ubu Yezu aracari ku rusengero ku wa 11 Nisani, akaba abahindukirira maze akerekana uwo ari we vy’ukuri. Arabitanga akababaza ati: “Mwibaza iki kuri Kristu? Ni mwene nde?” (Matayo 22:42) Birazwi neza ko Kristu ari we Mesiya akomoka mu muryango wa Dawidi. Iyo nyene ni yo nyishu batanga.​—Matayo 9:27; 12:23; Yohani 7:42.

Yezu ababaza ati: “Bishoboka bite none ngo Dawidi, ahumekewe, amwite ‘Umukama,’ akavuga ngo: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe”’? Nimba rero Dawidi amwita ‘Umukama,’ none aba umwana wiwe gute?”​—Matayo 22:43-45.

Abafarizayo nta co basubizayo kuko biteze ko hazoboneka umuntu wo mu muryango wa Dawidi yobakurako ubutegetsi bw’Abaroma. Ariko Yezu afatiye ku majambo Dawidi yavuze muri Zaburi 110:1, 2, arerekana ko Mesiya atobaye umutegetsi asanzwe. Ni Umukama wa Dawidi, kandi amaze kwicara iburyo bw’Imana yohawe ububasha. Abarwanya Yezu ntibaronka ico basubizayo.

Abigishwa n’abandi bantu benshi bariko barumviriza. Yezu aca abagabisha ku bijanye n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo. Abo bagabo “biyicaritse ku ntebe ya Musa” kugira bigishe amategeko y’Imana. Yezu abwira abariko baramwumviriza ati: “Ivyo bababwira vyose rero, mubikore kandi muvyubahirize, mugabo ntimukore nk’ivyo bakora, kuko bavuga mugabo ntibakore.”​—Matayo 23:2, 3.

Yezu aratanga akarorero kerekana ubwiyorobetsi bwabo, ati: “Bāgura utubweta tw’ivyanditswe bambara nk’uburyo bwo kwikingira.” Abayuda bamwebamwe wasanga bambara ku ruhanga canke ku maboko utwo tubweta turimwo amajambo yo mu mategeko Imana yahaye Abisirayeli. Abafarizayo barāgura utubweta twabo kugira berekane ko bakunda cane ayo mategeko. Vyongeye, “ba[r]arehūra ubuyonga bw’impuzu zabo.” Abisirayeli basabwa gushira ubuyonga ku mpuzu zabo, ariko Abafarizayo baca babugira burebure cane. (Guharūra 15:38-40) Ivyo vyose babigira kugira “ngo abantu bababone.”​—Matayo 23:5.

N’abigishwa ba Yezu boshobora gutwarwa n’icipfuzo co kwiyerekana. Ni co gituma abahanura ati: “Ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ari umwe, nayo mwebwe mwese muri abavukana. Vyongeye, ntihakagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So ari umwe, Umwe wo mw’ijuru. Eka mbere ntimukitwe ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu.” None abigishwa bakwiye kwifata gute? Yezu ababwira ati: “Umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu. Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.”​—Matayo 23:8-12.

Ubukurikira, Yezu aravuga amagorwa azoshikira abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo biyorobeka, ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mwugarira ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu; kuko mwebwe ubwanyu mutinjira, mbere n’abariko barinjira ntimubareka ngo binjire.”​—Matayo 23:13.

Yezu aracira urubanza Abafarizayo kuko badaha agaciro ibintu Imana ibona ko bihambaye, nk’uko bibonekera mu mategeko atagira ishingiro bashiraho. Nk’akarorero, bavuga bati: “Iyo umuntu arahiye urusengero, nta co bitwaye; mugabo iyo umuntu arahiye inzahabu y’urusengero, abwirizwa gushitsa.” Ivyo birerekana ko batabona kure kuko baha agaciro inzahabu y’urusengero kuruta ico kibanza co gusengeramwo Yehova no kumwiyegereza. Vyongeye, “[barirengagiza] ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ubwizigirwa.”​—Matayo 23:16, 23; Luka 11:42.

Yezu avuga ko abo Bafarizayo ari ‘indongozi zihumye, zimimina agatuku mugabo zikarotsa ingamiya!’ (Matayo 23:24) Bamimina agatuku kuko ako gakoko gahumanye. Ariko ingene birengagiza ibihambaye kuruta vyo mu mategeko y’Imana ni nko kurotsa ingamiya, na yo nyene ikaba ihumanye, uretse ko ari nini cane kuruta agatuku.​—Abalewi 11:4, 21-24.