NUGUME URI MASO!
Ni umutegetsi uwuhe uzotora? Bibiliya ibivugako iki?
Mu mayinga makeyi ari imbere, mu bihugu vyinshi vyo kw’isi hazoba hariko haraba amatora. Abantu bariko barafata ingingo zidasanzwe ku vyerekeye umutegetsi bazotora.
Bibiliya ibivugako iki?
Abategetsi b’abantu bari n’aho bagarukiriza
Bibiliya irashira ahabona aho ububasha abategetsi b’abantu bafise bugarukira.
“Ntimushire ivyizigiro vyanyu mu banyacubahiro, canke mu mwana w’umuntu yakuwe mw’ivu, ata bukiriro ashobora gutanga. Impwemu yiwe irasohoka, agasubira mu butaka bwiwe; uwo musi ivyiyumviro vyiwe bigahera.”—Zaburi 146:3, 4.
Mbere n’abategetsi bagerageza gutwara neza kuruta abandi, amaherezo bazopfa. Vyongeye, nta na kimwe bokora cokwemeza ko abazobasubirira bazobandanya gukora bimwe mu bikorwa vyiza basize bakoze.—Umusiguzi 2:18, 19.
Nkako, Bibiliya ihishura ko abantu badashoboye na gato kwitegeka.
“Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.”—Yeremiya 10:23.
None muri kino gihe, hoba hari umuntu yoshobora gutegeka neza?
Umutegetsi yimitswe n’Imana
Bibiliya yigisha ko Imana yimitse umutegetsi yizigiwe kandi abishoboye kuruta abandi bose, akaba ari Yezu Kristu. (Zaburi 2:6) Yezu ni Umwami w’Ubwami bw’Imana, iyo ikaba ari intwaro iganza iri mw’ijuru.—Matayo 6:10.
Woba uzohitamwo ubutegetsi bwa Yezu? Bibiliya irerekana igituma iryo hitamwo rihambaye:
“Nimusome wa mwana, Imana ntirurumbe ishavu kandi ntimuyogere ngo muve mu nzira, kuko ishavu ryiwe rirurumba bitagoranye. Hahiriwe abo bose bahungira muri we.”—Zaburi 2:12.
Ubu ni co gihe c’uko ugira ico ukoze. Ubuhanuzi bwo muri Bibiliya bwerekana ko Yezu yatanguye kuganza mu 1914 kandi ko vuba Ubwami bw’Imana bugiye gusubirira intwaro zose z’abantu.—Daniyeli 2:44.
Kugira umenye vyinshi ku kuntu woshigikira ubutegetsi bwa Yezu, nusome ikiganiro kivuga ngo: “Nuhitemwo gushigikira Ubwami bw’Imana ubu!”