Nurwanye irungu mu gufasha abandi: Ico Bibiliya ibivugako
Hirya no hino kw’isi, abantu benshi barafise irungu kandi bakumva yuko badashobora kuronka abagenzi. Abahinga bamwebamwe mu vy’amagara biyumvira ko gufasha abandi ari uburyo bwiza bwo kurwanya irungu.
«Gufasha abari n’ivyo bakeneye birashobora gutuma ubuzima bwacu bugira intumbero bikongera bikadufasha kugabanya irungu no kwumva ko tutari twenyene.»—Vyavuzwe n’Urwego ruraba ivy’amagara rwo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika rwitwa U.S. National Institutes of Health.
Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro zijanye n’ivyo twokora kugira ngo dufashe abandi. Gushira mu ngiro ivyo itubwira birashobora kudufasha kurwanya irungu.
Ico wokora
Nube umuntu atanga. Nurondere uturyo two kumarana umwanya n’abandi, na canecane amaso mu yandi. Nusangire n’abandi ivyo ufise. Niwabikora bazokenguruka, gutyo bitume muba abagenzi.
Ico Bibiliya ivuga: «Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.»—Luka 6:38.
Nugire utwigoro two gufasha abandi. Nurondere uturyo two gufasha abariko barashikirwa n’ingorane. Ivyo wobikora mu kubumviriza ubigiranye impuhwe canke mu kubaronsa ivyo bakeneye vyobafasha kworoherwa.
Ico Bibiliya ivuga: «Umugenzi nyakuri akundana igihe cose.»—Imigani 17:17.
Nimba wipfuza kumenya vyinshi ku bijanye n’ingene wogiranira ubucuti bwiza n’abandi, nusome ikiganiro kivuga ngo «Ubucuti bwiza mu muryango be n’abagenzi.»