Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Umugore w’umubisha ahahamira ubutegetsi yarahanywe

Umugore w’umubisha ahahamira ubutegetsi yarahanywe

Ataliya yarishe abana b’umwami kugira abe ari we aganza Yuda (2Bm 11:1; it-1 217; raba uruzitiro ruvuga ngo “‘Inzu ya Ahabu yose itegerezwa kuyogera’​—2Bm 9:8”)

Yehosheba yaranyegeje Yehowasi, uwosubiriye se ku ngoma (2Bm 11:2, 3)

Umuherezi mukuru Yehoyada yarimitse Yehowasi ngo abe umwami yongera aricisha wa mubisha Ataliya, bikaba bishoboka ko ari we yari asigaye mu bakomoka kuri Ahabu (2Bm 11:12-16; it-1 217)

IVYO KUZIRIKANAKO: Iyo nkuru yerekana gute ko ibivugwa mu Migani 11:21 no mu Musiguzi 8:12, 13 ari ukuri?