Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Elisha ariko arabwira umusuku wiwe ati: ‘Abari kumwe natwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo.’​—2Bm 6:16

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA

Abari kumwe natwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo

Abari kumwe natwe ni benshi kuruta abari kumwe na bo

Elisha n’umusuku wiwe bari bakikujwe n’abansi (2Bm 6:13, 14; it-1 728 ing. 5)

Elisha yagumye atekanye yongera araremesha umusuku wiwe (2Bm 6:15-17; w13 15/8 30 ing. 2; raba ishusho iri ku gipfukisho)

Yehova yararokoye Elisha n’umusuku wiwe ku gitangaro (2Bm 6:18, 19; it-1 409 ing. 4)

Abaturwanya ntibakomeye kuruta Yehova. Hamwe tworunguruka mw’ijuru tukabona ukuntu Yehova ariko arakoresha abamarayika biwe kugira akingire abasavyi biwe, wiyumvira ko ari ibiki twobona?