Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ingene bonezereza Yehova

Bavyeyi, nimwigishe abana banyu ingene bonezereza Yehova

Yehova abona ko abana bafise agaciro. Arabona iterambere ryabo ryo mu vy’impwemu n’ukwihangana kwabo. (1Sm 2:26; Lk 2:52) Naho abana boba bakiri bato, barashobora kunezereza Yehova biciye ku ngeso zabo nziza. (Img 27:11) Yehova yaratanze ibikoresho vyiza cane abicishije kw’ishirahamwe ryiwe kugira afashe abavyeyi kwigisha abana babo kumukunda no kumugamburukira.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO BANA, UKWIHANGANA KWANYU KURATUMA YEHOVA ANEZERWA! MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ni ibikoresho ibihe hamwe n’ubuyobozi Yehova yagiye araha abana uko imyaka yagiye irarengana?

  • Ni ibikoresho ibihe bifasha abavyeyi biboneka ubu?

  • Nimba ukiri muto, ni igikoresho ikihe Yehova yatanze cagufashije cane kandi kubera iki?