Ururirimbo 55
Ubuzima budahera buza bwashika!
1. Mu bwenge zirikana
Ababana mu bumwe,
Gutuntura, kurira,
Ata bikihari.
(ICITABIRIZO)
Ririmb’uhimbawe!
Uzob’ubihawe.
‘Bwa buzima buzoba
Bugiye bwashika!’
2. Numenye kw’ico gihe
Ubusâz’uzobaza.
Ingorane zaheze.
Nta gitey’ubwoba.
(ICITABIRIZO)
Ririmb’uhimbawe!
Uzob’ubihawe.
‘Bwa buzima buzoba
Bugiye bwashika!’
3. Abantu bazibera
Mw’Iparadizo nziza.
Tuzokwama duhaya
Ya Mana Rurema.
(ICITABIRIZO)
Ririmb’uhimbawe!
Uzob’ubihawe.
‘Bwa buzima buzoba
Bugiye bwashika!’
(Raba kandi Yobu 33:25; Zab. 72:7; Ivyah. 21:4.)