Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Isi nshasha iri hafi

Isi nshasha iri hafi

Voma:

  1. 1. Wumv’inyoni ziririmba,

    Ikirere gikeye,

    Utembera mu kiyaya,

    Akazuba kakurasiye.

    Urah’ikaz’abawe,

    Urweze ni ntangere.

    Ng’iyi ya paradizo,

    Burya yar’iri hafi.

  2. 2. Mu biyaya, ku misozi,

    Nta buraro bubuze.

    Har’imigezi isuma,

    Eka wohora uraraba.

    Imirima ireze,

    Kwimbura harageze.

    Twageze mw’isi nshasha.

    Burya yar’iri hafi.

    (IKIRARO)

    Biraryoshe gusangira

    Ivyiza twamye twiteze.

    Ubu nta n’umw’akirira.

    Ivya kera vyaraheze.

  3. 3. Umunezero ni wose.

    Ub’ahantu heza pe.

    Wiginana n’abawe bose

    Buri mus’uvyuk’ukomeye.

    Turashimira Yehova

    Kub’atwitwararika.

    Iyi mihezagiro

    Burya yar’iri hafi.

    (IKIRARO)

    Buri musi ndahimbarwa

    Ndakubonye umwenyura.

    Sinibaza ko noshobora

    Kwongera kugumbira.

  4. 4. Nzama ndorereye

    Iyo si y’agahore.

    Ni umuhango wa Yehova.

    Azoyiduha, nta gukeka.

    Sinzokwihebura namba,

    Nzoguma nihanganye.

    Ivyo turindiriye,

    Nta gukeka biri hafi.