Ubu ni co gihe
Voma:
1. Ibintu biguma vyunyuka,
Ubwo n’ubuhanuzi.
Igikorwa kirihutirwa,
Umuher’uri hafi.
Ntitugish’ako karyo keza,
Tuvugire Yehova.
Imigisha ya bwa Bwami
Twame tuyamamaza.
(ICITABIRIZO)
Ni co gihe
Co kwamamaza.
Ntitudohoke tuvyijukire.
Ubu ni co gihe
C’ukwo kwitanga,
Nariry’iherezo rije.
2. Nta kindi gihe tuzoronka
Co kuvug’iyo nkuru.
Rero tugire uruhara
Mu kuburir’abantu.
Nitwasubiz’amas’inyuma
Ku misi twaciyemwo,
Tuzovugana urweze
Ko twitanze tubikunze.
(ICITABIRIZO)
Ni co gihe
Co kwamamaza.
Ntitudohoke tuvyijukire.
Ubu ni co gihe
C’ukwo kwitanga,
Nariry’iherezo rije.
(IKIRARO)
Dukikujwe n’intahemuka
Zama zidukomeza.
Narirya turi kw’irembo,
Rya ya si nshasha nziza.
(ICITABIRIZO)
Ni co gihe
Co kwamamaza.
Ntitudohoke tuvyijukire.
Ubu ni co gihe
C’ukwo kwitanga,
Nariry’iherezo rije.