Uduceri tubiri
Voma:
1. Afise
Uduceri tubiri.
Abona
Abandi batang’ibitagenda.
Yumv’umengo
Muri bo ntac’amaze.
Yehova yoshima
Uduceri tubiri?
(ICITABIRIZO)
Iyo utanze
Ico ushoboye
Abon’akigoro kawe.
Niwabon’ibintu
Nk’uko abibona,
Uzobona agaciro
K’utwo duceri.
2. Mbe yibutse
Ivyo yahor’atanga
Acorohewe,
Aho yari na vyinsh’ashikana,
Adushizemwo,
Nta n’uwavyitayeho.
Kuri Yehova we,
Twari n’agaciro ntangere.
(ICITABIRIZO)
Iyo utanze
Ico ushoboye
Abon’akigoro kawe.
Niwabon’ibintu
Nk’uko abibona,
Uzobona agaciro
K’utwo duceri.
(IKIRARO)
Twebwe turaba ibir’inyuma.
W’asoma mu mutim’akabona
Ivyiza dufise.
(ICITABIRIZO)
Iyo utanze
Ico ushoboye
Abon’akigoro kawe.
Niwabon’ibintu
Nk’uko abibona,
Uzobona agaciro
K’utwo duceri.
Nutubone nka Yehova.