Ururirimbo rwa 136
Ubwami bw’Imana buraganza—Nibuze!
Voma:
-
Yehova, wewe wamyeho
Kand’uzokwamaho.
Wimitse wa Mwana wawe,
Intwar’irajaho.
Bwa Bwam’ubu bwaravutse.
Buzotegek’isi yose.
(ICITABIRIZO)
Haj’ubukiriro.
Bwa Bwam’ubu buraganza.
Dusenga dusaba
Duti: “Nibuze, Nibuze!”
-
Shetan’agiye kuvaho,
Amarushw’ahere.
Nah’ibi bihe bigoye,
Turabon’imbere.
Bwa Bwam’ubu bwaravutse.
Buzotegek’isi yose.
(ICITABIRIZO)
Haj’ubukiriro.
Bwa Bwam’ubu buraganza.
Dusenga dusaba
Duti: “Nibuze, Nibuze!”
-
Mw’ijur’impundu ni nyinshi
Mu bamarayika
Shetani yarirukanywe,
Ubu ntahashika.
Bwa Bwam’ubu bwaravutse.
Buzotegek’isi yose.
(ICITABIRIZO)
Haj’ubukiriro.
Bwa Bwam’ubu buraganza.
Dusenga dusaba
Duti: “Nibuze, Nibuze!”
(Raba kandi Dan. 2:34, 35; 2 Kor. 4:18.)