Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 47

Senga Yehova buri musi

Senga Yehova buri musi

(1 Abatesalonika 5:17)

  1. 1. Senga Yehova uzokwumvirwa.

    Ni ’teka kuba tumwitirirwa.

    Muyagire vyos’utamuhisha.

    Mwizigire azogushimisha.

    Musenge buri musi.

  2. 2. Senga Yehova, umushimira.

    Tumwitur’azotubabarira.

    Tumwaturire twe bacumuzi.

    Ni we yaturemye, aratuzi.

    Musenge buri musi.

  3. 3. Senga Yehova no mu ngorane.

    Ni we Dawe, Umwe w’intungane.

    Azokurinda gum’umwisunga.

    Mwizigire ni w’azogutunga.

    Musenge buri musi.